Notre journaliste Jean Bigirimana porté disparu depuis 3571 jours. Nous ne l'oublions pas.

Web Radio

03/04/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 3 NDAMUKIZA 2018

• Umugwi ujejwe gutegura amatora CENI wamanitse guhera kur’uyu wa kabiri intonde mfatakibanza z’abiyandikishije ngo bazoje mu matora y’ibwirizwanshingiro n’amatora yo mu 2020. Aha mu gisagara ca Bujumbura aho twaciye mu bibanza biyandikishirijemwo, abantu bari bake bariko baraza kuraba ko bari ku ntonde. Hari n’utunenge twibonekeje kurizo ntonde,kuko hari abo twahasanze bavugako hari ibibaranga basanze […]

02/04/2018

Incamake y’amakuru y’Iwacu yo ku wa 2 Ndamukiza umwaka w’2018

• Abantu barishwe, icenda barakomereka bahitanywe n’igitero ca grenade yatewe mu kirabo kiri ku mutumba wa Rugari-gitamo muri komine n’intara ya Gitega. Abantu 4 bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza. • Umuntu umwe yarakomeretse aguye mu mutego w’abagizi ba nabi kw’ibarabara ry’igihugu numero 5 muri commune Gihanga intara ya Bubanza. Nkuko vyemezwa n’igipolisi uyo muntu yari […]

30/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 30 NTWARANTE 2018

• Uwurongoye umugambwe Ranac Aloys Baricako yarengukijwe kuruyu wa 5 mu rwego rw’ipereza hano i bujumbura . Akaba yumvirijwe mururwo rwego mu kiringo c’amasaha ashika 6. Georges Nikiza avugira umugambwe Ranac akavugako uwo arongoye uyo mugambwe ku rwego rw’igihugu yabajijwe ku migenderanire uwo mugambwe ufitaniye n’urunani CNARED ruhurikiyemwo abanya politique batavuga rumwe na Leta bari […]

29/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 29 NTWARANTE 2018

• Impunzi z’abarundi 2000 nizo zigiye kuza ziratahukanwa ku ndwi ku ndwi zivuye mu gihugu ca Tanzania kuva mu ntango z’ukwezi kwa 4. Iyo nimwe mu ngingo yafashwe inyuma y’inama nyabutatu(tripartite) yari imaze iriko ihuza ibihugu vy’uburundi na Tanzania hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye yemeza ko […]

29/03/2018

“Au sommaire de l’édition de ce jeudi 29 mars 2018 du journal « Amakuru y’Iwacu »

• 2000 réfugiés burundais par semaine vont rentrer en provenance de la Tanzanie à partir du mois d’avril prochain. C’est du moins l’une des mesures prises dans la réunion tripartite qui se tenait à Bujumbura, réunissant le Burundi, la Tanzanie et le Haut-commissariat des Nations unies pour les réfugiés (HCR). Le ministère de l’Intérieur indique […]

28/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 28 NTWARANTE 2018

• Birategekanijwe ko kuva kwigenekerezo rya 10 kugera kurya 14 ndamukiza hazoza hano i bujumbura intumwa z’umufasha mu biganiro hagati y’abarundi. Amakuru dufise yo kwizera nuko inyuma y’urwo rugendo bitegekanijwe ko aberwa n’ibiganiro hagati y’abarundi bazoca bahurira i kampala muri Ouganda kuva kwigenekerezo rya 24 kugera kurya 28 ntwarante uno mwaka. Ayo makuru akemezako ivyo […]

27/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 27 NTWARANTE 2018

• Umukuru w’umugambwe ranac , Aloys Baricako yarahagaritswe n’igipolisi mugisagara ca gitega kumugoroba wo kuruyu mbere .Amakuru ava aho igitega akemezako yahagaritswe arikumwe n’umunywanyi w’umugambwe CDP Pierre Kugirwa. Georges nikiza umuvugizi w’u mugambwe RANAC aremezakoUmukuru w’yo mugambwe yahagaritswe , akavugako kuruno wa kabiri yarekuwe agiye gushingurana iteka inakuru mu ntara ya Karusi .Ariko bafise amakuru […]

26/03/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Ntwarante umwaka w’2018

• Amakuru y’IwaImpunzi z’abarundi zirenga ibihumbi 20 nizo zimaze gutaha zivuye mu gihugu ca Tanzania kuva mu kwezi kw’icenda kwo mumwaka uheze. Naho izishika ku bihumbi 30 nizo zimaze kwiyandikisha zivuga ko zishaka gutaha. Ivyo bitigiri vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR hamwe n’igihugu ca Tanzanie. Hari munama iriko irahuza ibihugu vy’uburundi, Tanzania hamwe n’ishirahamwe […]

23/03/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ntwarante umwaka w’2018

• Intumwa idasanzwe y’umunyambanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Michel Kafando, ari kumwe n’indi ntumwa barabonanye n’umufasha w’umuhuza mu matati y’Abarundi Benjamin Mkapa kuri uyu wa kane . Imvo kukaba kwari ukuvugan ukugene ibiganiro vy’Abarundi vyosubira gutangura. Hakaba kandi ari inyuma y’abakuru b’ibihugu b’umuryango wa Africa y’ubuseruko yabereye i Entebbe mu gihugu c’Ubuganda mu […]

23/03/2018

Au sommaire de l’édition de ce vendredi 23 mars 2018 du journal « Amakuru y’Iwacu »

• L’envoyé spécial du secrétaire général des nations unies pour le Burundi, Michel Kafando et sa délégation a rencontré ce jeudi le facilitateur dans les conflits inter burundais Benjamin Mkapa. Objectif de cette rencontre : échanger sur la relance des pourparlers burundais. Cela après le sommet des chefs d’Etats de la communauté de l’Afrique de […]

MENU