• Birategekanijwe ko kuva kwigenekerezo rya 10 kugera kurya 14 ndamukiza hazoza hano i bujumbura intumwa z’umufasha mu biganiro hagati y’abarundi. Amakuru dufise yo kwizera nuko inyuma y’urwo rugendo bitegekanijwe ko aberwa n’ibiganiro hagati y’abarundi bazoca bahurira i kampala muri Ouganda kuva kwigenekerezo rya 24 kugera kurya 28 ntwarante uno mwaka. Ayo makuru akemezako ivyo biganiro bizobera i kampala bizoba ari ivyanyuma ntabindi biganiro hagati y’abarundi bizosubira kuba.
• Uwurongoye umugambwe RANAC mu ntara ya Muramvya arapfungiwe mugasho k’urwego rw’iperereza hano i bujumbura kuva kumugoroba wo kuruyu wa 2. Daniel Manirakiza yahagaritswe agiye kuraba umukuru wuyo mugambwe ku rwego rw’igihugu Aloys Baricako yarapfungiwe mugasho k’urwego rw’iperereza i gitega nkuko vyemezwa na Georges Nikiza avugira umugambwe Ranac. Uwo avugira Ranac akavugako kugera ubu bataramenya ico iyo ndongozi y’umugambwe wabo muntara ya Muramvya apfunzwe yagirizwa. Agasaba k yorekurwa.
Uwo arongoye umugambwe Ranac mu ntara ya Muramvya ahagaritswe inyuma yaho uwutwara uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu Aloys Baricako yari yahagaritswe kuruyu wa 1 muntara ya Gitega. Aho yarapfungiwe murwego rw’iperereza i gitega yabajijwe kubijanye n’imigenderanire umugambwe Ranac ufitaniye n’iyindi migambwe itavuga rumwe na Leta irihanze y’igihugu hamwe nuko uyo mugambwe uzotora canke ntutore ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Mu gipolisi c’uburundi bemezako Daniel Marirakiza apfungiwe hano i bujumbura kuva kuruyu wa kabiri hano ibujumbura yagirizwa guhungabanya umutekano wigihugu. Nkuko biboneka kurubuga ngurukana bumenyi twitter rwigipolisi c’uburundi baranemezako aloyizi baricako arongoye umugambwe ranac kurwego rw’igihugu ubu abarizwa mumuryango iwe ariko ko amatohoza abandanya kuriwe muriyo dossier nyene yo gushaka guhungabanya umutekano wigihugu.
• Ubuyobozi bwa kaminuza y’uburundi buramenyesha ko umwaka w’ishule w’2017 ushira 2018 uzotangura kw’igenekerezo rya 09 ukwezi kwa 4. Ubwo buyobozi bukavuga ko ku banyeshule bashaka kuronka agafashanyo k’ingurane(prêt-bourse) bazotegerezwa kubimenyesha mu gisata kijejwe kwumviriza abanyeshule. Ni mu gihe ku banyeshule bo mu myaka ya 1 bifuza kuronswa uburaro bazobanza kwerekana ko bashoboye kurihira ubwo buraro.