Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’Iwacu yo ku wa 2 Ndamukiza umwaka w’2018

02/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’Iwacu yo ku wa 2 Ndamukiza umwaka w’2018

• Abantu barishwe, icenda barakomereka bahitanywe n’igitero ca grenade yatewe mu kirabo kiri ku mutumba wa Rugari-gitamo muri komine n’intara ya Gitega. Abantu 4 bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

• Umuntu umwe yarakomeretse aguye mu mutego w’abagizi ba nabi kw’ibarabara ry’igihugu numero 5 muri commune Gihanga intara ya Bubanza. Nkuko vyemezwa n’igipolisi uyo muntu yari mu modoka yari ifise imparati yo mugihugu kibanyi ca Congo ica irwa muri uwo mutego. Ikaba ngo yari ivuye mu ntara ya Cibitoke. Ivyo vyabaye nk’isaha imwe n’igice z’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Abo bagizi ba nabi ntibaramenyekana nk’uko bibandanya vyemezwa n’igi polisi.

• Uwundi muntu muntu azwi kw’izina rya Chadrack Niyokwizigira yarakomeretse arashwe n’umupolisi mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana muri quartier Kanyosha hano mugisgara ca Bujumbura. Mu gipolisi bemezako uyo mu polisi yariko arivuna kuko yari yagiye gutabara uwitwa Mohamed Maulidi yariko arwana n’uyo yarashwe. Amakuru ava mu gipolisi akemezako uyo mu polisi yariko aratabara yarashe kuko uwo yitwa Chadrack Niyokwizigira yakubise cane uyo mu polisi.

• Abayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana avugako abonekerwa bari bahungiye mu gihugu kibanyi ca Congo ahitwa Kamanyola barabandanya gutahuka hano mu Burundi bavuye mu gihugu c’urwanda. Kuri uyu wa mbere abashika 900 nibo bakiriwe hano mu Burundi. 517 bakaba baciye kumupaka wo ku kanyaru baca bajanwa mu ntara ya Ngozi. Nayo 383 baciye ku mupaka wo kuruhwa baca bajanwa muntara ya Cibitoke.

• Abo bayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana batahutse kuruyu wa 1 baje biyongera kuwundi murwi w’abarenga 1600 batahutse kuruyu w’Imana. Bakaba bakiriwe ku mupaka wo mu gasenyi muntara ya Kirundo. Tukabibutsako bari bahungiye mugihugu kibanyi ca Congo ahitwa Kamanyola kuva mu 2015. Bakaba bari bahunze bavugako umutekano wabo utifashe neza bivuye ku kwemera kwabo. Bakaba baheruka guhungira mu gihugu c’urwanda bavuye muri congo aho bahunze bavugako bari bafise amakuru ko hari umugambi wuko Leta ya Congo yashaka kubarungika mu Burundi inyuma yaho bari banse kwandikwa na HCR hakoreshejwe ubuhinga bwa none biometrie aho bavuga ko ukwemera kwabo kutabibemerera.

• Mugenzi wacu Dorine Niyungeko yashitse aho kuruhwa mu cibitoke, aratubwira uko yasanze bimeze

• Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu uhamagarira abanyagihugu bose biyandikishije kugira ngo bazoje mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ko boja kuraba ko amazina yabo ari ku ntonde. Izo ntonde zikaba zizoba zimanitse kuva kuruyu wa 2 igenekerezo rya 3 ndamukiza kugera ku musi wa 5 igenekerezo rya 6 ndamukiza mu bibanza vyabereyemwo igikorwa co kwiyandikisha kubazoja murayo matora. Annociate Niyonkuru icegera c’uwurongoye umurwi CENI akavugako ico gikorwa giheze hazoca hasohoka intonde ntabanduka zabazoja mu matora.

• , Bamwe mu banyagihugu babasangwa bo mu ma commune yaho bagiriza umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo hamwe na Sentare idasanzwe ijejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo ko bafata ingingo zishobora gucanishamwo abasangwa n’abahungutse. Abo banyagihugu bafatira ku ngingo zimaze imisi zifatwa n’uwo murwi hamwe n’iyo sentare mu gusohora mu matongo abasangwa bo mu ntara z’ubumanuko bw’igihugu agaca ashikirizwa abahungutse.

• Ishirahamwe ry’icayi OTB rimenyesha ko ryaronse umwimbu w’ amababi y’icayi urenga ama tone ibihumbi mirongo itanu mu mwaka w’i 2017. Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe, Jacques Bigirimana akavuga ko umwimbu wisununuye bagereranije no mwaka wo 2016. Ngo OTB yinjije amahera arenga imiliyaridi 47 mu mwaka uheze.

• Mu bijanye n’umupira w’amaguru kuri uyu w’Imana Umugwi nserukiragihugu intamba waratsinze umugwi nserukiragihugu wa Ethiopiya ibitsindo bibiri ku busa I addis abeba ku murwa mukuru w’ico gihugu. Ni mu nkino zo gukurakuranamwo z’igikombe c’Afrika CAN. Urukino rwo gusubiza rutegekanijwe hano mu Burundi ku kibuga Urukundo c’i Ngozi mu ndwi zibiri. Uburundi butsinze buzoca buhura na Sudani mu nkino zizokurikira.

• Mw’ihiganwa ryo ku rwego rw’igihugu ry’umwaka w’2018 mu cicaro ca kabiri(LigueB), inkino zarabandanije ku munsi w’icenda w’ihiganwa mu mpera z’iyindwi yaraye irangiye. Rukinzo yatsinze Muzinga ibitsindo bitatu kuri kimwe. Transport yanganije na B.S dynamic kimwe ku kindi. Bumamuru yatsinze Volontaire ibitsindo bibiri kuri kimwe. Magara Star na Kayanza United nazo nyene zanganije igitsindo ku kindi. Moso Sugar yo yatsinze Les elephants kimwe ku busa.Les chrocos igitsinda Unité Fc naho nyene ku busa. Busoni Star yatsinzwe na Rumonge City kimwe ku busa. Espoir nayo yatsinze Rusizi ibitsindo bibiri kuri kimwe.

OTB

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.