Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 3 NDAMUKIZA 2018

03/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 3 NDAMUKIZA 2018

• Umugwi ujejwe gutegura amatora CENI wamanitse guhera kur’uyu wa kabiri intonde mfatakibanza z’abiyandikishije ngo bazoje mu matora y’ibwirizwanshingiro n’amatora yo mu 2020. Aha mu gisagara ca Bujumbura aho twaciye mu bibanza biyandikishirijemwo, abantu bari bake bariko baraza kuraba ko bari ku ntonde. Hari n’utunenge twibonekeje kurizo ntonde,kuko hari abo twahasanze bavugako hari ibibaranga basanze bitanditse neza.

• Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagarira urwaruka kwerekana aho ruhagaze kubijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Umukuru w’igihugu yabishikirije igihe yariko aratanguza kuruyu wa 2 ibikorwa vy’ikoraniro ry’urwaruka rigira 3 ku rwego rw’igihugu mu ntara ya Gitega. Akaba yanagabishije uwo wese yoba afise intumbero yogushaka gukoresha urwaruka mu mabi.

• Umugambwe Rannac ubonako abanya politique bari bakwiye kworoherezwa mu bikorwa vyabo vya politique kugirango bashobore gukora bisanzuye atabwoba. Aloys Baricako arongoye uyo mugambwe abivuga afatiye kw’irengutswa mu rwego rw’iperereza amaze imisi akorerwa hamwe nuko bamwe mu ndongozi zuwo mugambwe bahagarikwa bagapfungwa. Kubwa Aloys Baricako ngo ivyo ntibizobuza uwo mugambwe arongoye kubandanya ibikorwa vyawo vya politique.

• Bamwe mu bayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana bariko barahunguka bemezako batazohemuka ku bijanye n’ukwemera kwabo.N’inyuma yaho abo bayobke buyo mwigeme bariko barava mugihugu c’urwanda bari bahunze bavugako umutekano wabo utifashe neza kuberako ngo bariko barazira ukwemera kwabo. Mubatahutse kuruyu wa 1 abarenga 300 bakaba baraye kw’ishure ryisumbuye rya Mparamirundi muri commune ya Busiga mu ntara ya Ngozi. Bakemezako banezerewe kubona bagarutse mugihugu cabo. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu bemezako bamaze kwakira abarundi bayoboka uwmwigeme Zebiya Ngendkumana 2499. Ngo nimugihe bari biteze kwakira 2511. Thérence Ntahiraja avugira ubwo bushikiranganji akavugako abo barundi biyemeje ko bazokwemera gukurikiza amategeko y’igihugu hamwe naya Ekleziya Gatolika.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.