Mardi 30 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Ntwarante umwaka w’2018

26/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Ntwarante umwaka w’2018

• Amakuru y’IwaImpunzi z’abarundi zirenga ibihumbi 20 nizo zimaze gutaha zivuye mu gihugu ca Tanzania kuva mu kwezi kw’icenda kwo mumwaka uheze. Naho izishika ku bihumbi 30 nizo zimaze kwiyandikisha zivuga ko zishaka gutaha. Ivyo bitigiri vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR hamwe n’igihugu ca Tanzanie. Hari munama iriko irahuza ibihugu vy’uburundi, Tanzania hamwe n’ishirahamwe HCR.

• Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu avugako intumbero yiyo nama ariyo kurabira hamwe ingene impunzi zotahuka ku bwinshi. Thérence Ntahiraja akavuga ko iyo nama izomara iminsi itatu izofasha no gutomora neza ibitigiri vy’impunzi ziri mugihugu kibanyi ca Tanzania. Aranahamagarira ibindi bihugu gufasha gutahukana impunzi z’abarundi

• Ishirahamwe ryiyemeje kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya leta Olucome risaba umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa gusubira gutunganya ibiganiro bihuza Abarundi ku ncuro ya 5. Mu rwandiko ishirahamwe Olucome ryarungikiye umufasha w’umuhuza, Rimusaba ko ivyo biganiro vyoba mu maguru masha kugira haboneke amasezerano yunganira amasezerano y’i Arusha. Gabriel Rufyiri arongoye Olucome agasaba ko hoba guhata abafise uruhara bose kugira ayo masezerano aboneke.

• Abarongoye umugambwe UPRONA mu ntara ya Cibitoke bagiriza abari mu mugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD ko bababuza kugirisha amanama y’umugambwe. Babishikirije kuri uyu w’Inama igihe uwo mugambwe UPRONA wariko urahimbaza imyaka 56 iheze waratsinze amatora yo ku wa 18 Nyakanga 1961. Abel Gashatsi arongoye uyo mugambwe ahamagarira abari mu mugambwe uri ku butegetsi ko botahura ko ubu igihugu kiri muri démocratie abantu bose badategerezwa kuja mu mugambwe umwe.

• Ishirahamwe ryishinze kugwanira agateka k’abafungwa NTABARIZA rimenyesha ko hamaze kurekugwa abafungwa bababa ibihumbi 3 kubera ingingo y’ikigongwe c’ikivunga y’umukuru w’igihugu. Ariko rero bamwe mubarekuwe ngo ntibakiriwe neza mu kibano no mu bajejwe intwaro. Umukuru w’ishirahamwe Ntabariza, Jean Marie Nshimirimana asaba ko horekugwa n’abandi bose basigaye mu mabohero kandi begwa n’iyo ngingo y’umukuru w’igihugu.

• Abarongoye ibimenyeshamakuru bitandukanye vya hano mu Burundi bumvikanye kuzokorera mu runani mugukwirikirana ibijanye n’amatora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Bavyumvikanye mu nama yabahuje n’umushikiranganji ajejwe ivyo kumenyesha amakuru kuruyu wa 1.Bakaba bumvikanyeko kugera kuruyu wa 3 hoba hashinzwe umurwi ugizwe n’abaserukira ibimenyeshamakuru kugirango wige ibikenewe nacane cane ibijanye n’uburyo bukenewe kugirango ibimenyeshamakuru bizoshobore gukwirikirana neza ayo Matora. Nestor Bankumukunzi umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru akemezako ubwo bushikiranganji buzoca bukorera kuvyo uwo murwi uzoba washitseko.

• Impunzi zigera kuri 20 zituruka mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo nizo zashitse ku kivuko ca Rumonge kur’uyu w’Imana. Izo mpunzi zivuga ko zihunze agatotezo ziriko ziragirigwa n’igisoda co muri Congo aho kibagiriza ko bakoranye n’umugwi w’aba mai mai.Ivyo biruko mu gihe, abandi ba Congomani bariko barasubira mu gihugu cabo.

• Ubutumwa bw’amahoro, ugusubiza hamwe, n’ukwiyamiriza intambara n’amabi bizanana, biri mu ndirimbo ya mbere y’umuririmvyi rurangiranwa Kidumu, ’’Uwo yaramenje’’ ngo n’ubu burakenewe.

• Ivyo yabimenyesheje kur’uno wa gatandatu i Kiriri muri kaminuza ahejeje kuremesha igiteramo gisozera indwi yahariwe umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa.

• Ngo mu gihe Uburundi buri mu bihe vya poritike botoroshe, akamo yateye Abarundi haraciye imyaka yababa 20 ngo n’ubu karakenewe.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.