Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 29 NTWARANTE 2018

29/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 29 NTWARANTE 2018

• Impunzi z’abarundi 2000 nizo zigiye kuza ziratahukanwa ku ndwi ku ndwi zivuye mu gihugu ca Tanzania kuva mu ntango z’ukwezi kwa 4. Iyo nimwe mu ngingo yafashwe inyuma y’inama nyabutatu(tripartite) yari imaze iriko ihuza ibihugu vy’uburundi na Tanzania hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye yemeza ko ikibazo c’ibitigiri vy’impunzi cateye impari muriyo nama. Akavuga ko bumvikanye n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ko ivyo bitigiri vy’impunzi bigiye gusubirwamwo.

• Impunzi z’abarundi 33 ziri mu bayoboke ba Zebiya Ngendakumana zarahagaritswe n’igipolisi c’urwanda kuruyu wa 3. Bakaba bagirizwa kubuza bagenzi babo gufashwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR. Igipolisi c’urwanda kibicishije ku rubuga ngurukanabumenyi twitter kikaba cavuze ko ari ugukwegera izindi mpunzi kandi bihanwa n’amategeko. Hakaba kandi n’amakuru avuga ko hari bamwe murizo mpunzi boba bashatse kuva mu gihugu c’urwanda kuruyu wa 4 bagana mu Burundi. Ariko igipolisi c’urwanda nticabibemerera. Tukabibutsa ko impunzi z’abarundi zingana 2500 bose bayoboka Zebiya Ngendakumana, zafashe ingingo yo kuva mu gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo bagahungira mu gihugu c’urwanda kukwanka kwandikwa ku buryo bwa none bukoreshwa n’ishirahamwe HCR.

• Abarongoye inama nkuru y’igihugu cnared barasohoye icegeranyo kuruyu wa gatatu c’ivyavuye mu nama yabahuje mu mpera z’indwi iheze. Nkuko biboneka muriryo tanganzo urunani cnared ruriyamiriza rwivuye inyuma ibijanye n’umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro kuko hamwe bibaye uburundi bushobora gusubira mu ndyane n’amacakubiri hagati y’abonse rimwe. Cnared igasaba abarundi kudahirahira ngo batore ko ibwirizwa shingiro rihinduka.Muriryo tangazo bavuga kandi ko ibizova mu matora bitaraba urunani cnared kandi.Urunani cnared rugasaba abakuru b’ibihugu vyo muri kano karere n’abandi bafashije kugira amasezerano y’i Arusha abeho guhagarika umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro wo mushinge w’amahoro mu Burundi. Bakanemeza ko biteguriye kwitaba ibiganiro vya nyuma bishobora kurokora uburundi n’abarundi.

• Hari umunyagihugu wo mu ntara ya Rumonge yemeza ko yabonye ko hariho ubutare bwitwa bauxite mu ma komine ya Rumonge na Vyanda. Uwo munyagihugu akaba yemeza ko ariko arashinga coopérative izokwimba ubwo butare. Ivyo ngo akaba ariko abikorana n’ikigo OBM kijejwe ivy’ubutare.

• Ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko igiciro c’ikawa ihishiye muruyu mwaka w’irima wa 2018 ushira uwa 2019 ari amafaranga 500 ku kilo. Déo Guide Rurema ajejwe ubwo bushikiranganji akemezako izo ari zimwe mu ngingo zafashwe mu ntumbero yuko igikorwa c’ishorwa ry’ikawa kigenda neza muruyu mwaka. Akavuga ko ngo abazoba bashoye ikawa bazohembwa mu bice bibiri. Ihemba rya mbere rikazoba mu mpera z’ukwezi kwa 5, irindi hemba rya 2 rikazoba imbere yuko ukwezi kwa 8 kurangira.

Abishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa 4 ku bijanye n’isekeza ryo gushora ikawa muruyu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019. Akaba yemejeko umwimbu w’ikawa wagenze neza. Uyu mwaka hakaba hitezwe ko hazoshorwa hanze ikawa ingana n’ama tonnes ibihumbi 20. Ni mu gihe mu mwaka uheze wa 2017 ushira uwa 2018 hashowe hanze ikawa irenga ama tonnes ibihumbi 15 na 800

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.