Notre journaliste Jean Bigirimana porté disparu depuis 3571 jours. Nous ne l'oublions pas.

Web Radio

29/01/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu mu Kirundi yo ku wa 29 Nzero 2018

• Abatavugarumwe na reta y’ i Burundi bari mu gihugu c’uburundi n’’abandi bari hanze y igihugu bahurikiye mu runani CNRED bahuriye mu gihugu ca Kenya . Umubonano wo kuja hamwe nugushira inguvu hamwe . Mu ntumbero yo kubahiriza amasezerano y’i arausha no kurwanya ihinyanyurwa y’ibwirizwa shingiro . Pangarace Cimpaye avugaira urunani CNARED agashima ko izo […]

26/01/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Nzero umwaka w’2018

• Ibibanza ibihumbi 3828 biri mu ma commune atandukanye y’igihugu nivyo bizokorerwamwo igikorwa co kwandika abazoja mu matora yo kwemeza cake guhakana integuro y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro hamwe no mu matora yo mu mwaka w’ 2020. Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu wabishikirije kuruyu wa 5 mu nama wagiranye n’inzego z’igihugu zirabwa nivy’amatora. Pierre […]

25/01/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 25 NZERO 2018

• Leta y’uburundi yabonanye n’abarongoye ama syndicat kuruyu wa 4 kugirango bavugane kubijanye n’ikibazo coguterera amatora yo mu mwaka wa 2020. Uwo mubonano ukaba warurongowe n’abashikiranganji 3 uwujejwe ikigega ca Leta hamwe n’uwintwaro yo hagati mu gihugu hamwe nuwujejwe abakozi n’akazi . Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta akaba yamenyesheje abo barongoye ama syndicat ko abatipfuza […]

24/01/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 24 Nzero umwaka w’2018

• Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rigize ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko na Afrika y’amajepfo, COMESA, avuga ko Uburundi bwatunganije ivyo bwasabwe kugira inama igira 20 ya COMESA ibere mu Burundi. Sindiso Ngwenya, mu gihe yarashitse kur’uyu wa gatatu i Bujumbura, akaba yamenyesheje ko aje guheraheza imyiteguro isa n’iya nyuma itegura inama y’abakuru b’ibihugu vya COMESA izoba […]

23/01/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 23 NZERO 2018

• Imwe mu migambwe ihurikiye mw’ihuriro ry’imigambwe FDP ifise amakenga kubiciro vy’ikarata karangamuntu. Abel Gashatsi arongoye umugambwe Uprona umwe muriyo migambwe, avugako hari amafaranga abajejwe intwara usanga basaba uwugiye gusaba karangamuntu ntihakurikizwe igiciro kizwi. Akabonako ivyo bishobora kwima uburenganzira bwokuja gutora kubanyagihugu badafise uburyo bwokuriha iyo karata kugira biyandikishe. Asabako Leta yofata ingingo zorohereza abanyagihugu […]

22/01/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 22 Nzero umwaka w’2018

• Amezi 18 araringiye atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana akaba yabonywe irya nyuma kuwa 22/7/2016 muri zone Bugarama mu ntara ya Muramvya. Amakuru ava ku bamubonye ubwa nyuma yemezako yatwawe n’umuduga woba ari uw’urwego rw’iperereza, ivyabeshujwe n’igipolisi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba caritwariye umuntu atazwi(porter plainte contre x) nayo mu bushikiranganji bw’ubutungane […]

19/01/2018

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 19 nzero 2018

•Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwafashe ingingo yo kuduza ibiciro vy’igitoro. Ilitiro ry’ibitoro vyo mu bwoko bwa essence n’amazutu vyahora ku mafaranga 2100 ryashizwe ku mafaranga 2250 mu gihe i peteroli yo yakuwe ku mafraga 1800 ishirwa ku mafaranga 2000. Leonidas Sindayigaya avugira ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu avuga ko iyo ngingo yafashwe kubera ko ibiciro vy’ibitoro vyadugijwe kw’ […]

18/01/2018

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 18 nzero 2018

• Umurwi w’abashingamateka bo mu runani Amizero y’abarundi uriyamiriza agatotezo kamaze imisi kagirirwa abanywanyi b’urwo runani. Pierre Celestin Ndikumana arongoye uwo murwi avuga batotezwa biciye mu majambo mabi akoreshwa hamwe n’ugufatwa kw’abanywanyi babo . Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe kuruyu wa 4 nuwo murwi w’abashingamateka bo mu runani Amizero y’abarundi. Bagasaba Leta kureka abanyagihugu bose […]

MENU