Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 25 NZERO 2018

25/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 25 NZERO 2018

• Leta y’uburundi yabonanye n’abarongoye ama syndicat kuruyu wa 4 kugirango bavugane kubijanye n’ikibazo coguterera amatora yo mu mwaka wa 2020. Uwo mubonano ukaba warurongowe n’abashikiranganji 3 uwujejwe ikigega ca Leta hamwe n’uwintwaro yo hagati mu gihugu hamwe nuwujejwe abakozi n’akazi .

Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta akaba yamenyesheje abo barongoye ama syndicat ko abatipfuza gutatanga amafaranga yoguterera amatora bokwandikira ababijejwe bagasaba ntibabakate kumishahara yabo .

Umushikiranganji Domitien Ndayizeye akavugako uwutabishaka guterera ari uburenganzira bwiwe. Ariko Domitien Ndihokubwayo yemezako ibwirizwa nshingiro rihamagarira abarundi guterera mugufasha igihugu.

• Kuruhande rw’abarongoye ama syndicat babonako itegeko nshikiranganji rivuga ingene amafaranga yoguterera amatora yokatwa ku mishahara y’abakozi ritoshirwa mungiro muri kuno kwezi kwambere. Tharcisse Gahungu arongoye urunani mpuzama syndicat Cosybu akabonako igikenewe aruko bobanza bakumvikana neza ibijanye n’itangwa ryayo mafaranga kuko ngo iyo biganiro vyatanguye bizobandanya

• Abarundi 769 bahungutse bavuye Tanzanie kuruyu wa 4. Hari hitezwe 800 ariko abakenyezi bafise imbanyi zikuze basigay ku mvo z’amagara yabo. Bose binjiriy ku mupaka wa gisuru mu ruyigi ariko igice cabo baciye bajanwa i musasa i ngozi kuko bahunze Bava mu ntara zo mu buraruko. Abandi basigay i nyabitare n’abo mu ntara za ruyigi na gitega. Bitegekanijwe ko bose kuri uyu wa gatanu bazoshikanwa mu mihana bahunze bavamwo. Abo barundi bakaba baje bakwirikira iyindi mirwi y’abarundi batanguye guhunguka bava muri tanzaniya kuva mu mwaka uheze.

• Abakongomani barenga 2000 bakiriwe muri komine Rumonge inyuma y’umutaga y’uwu wa kane. Abarenga 1300 nabo bakiriwe muri komine ya Nyazalac. Bavuga ko bahunga indwano hagati y’abasirikare b’igihugu ca RDC n’abarwanyi b’abamaimai. Bararushe cane bakaba bakeneye amazi ibifungurwa n’imiti. Buramatari w’intara ya Rumonge asaba abagira neza gufasha kuberara Inta idafise uburyo bwo kwakira abantu bangana uko.

• Imicafu co kubutere cuzuye. Ivyo ngo nivyo vyatumye amashirahamwe ajejwe gukura imicafu mu mihana iba irabangiye gutora iyo micafu kuko adafise aho iyita. Freddy Mbonimpa umukuru w’igisagara ca Bumbura agasigurako ico kibanza cuzuye kuberako imodoka za SETEMU zisanzwe zigizayo iyo micafu murico kibanza zimaze imisi zarapfuye. Freddy Mbonimpa akemezako ababijejwe bariko baragerageza gutora inyishu kurico kibazo mukurondera ikindi kibanza cimfata kibanza cotabwamwo iyo micafu. Ivyo abivuze mugihe abanyagihugu bo mu ma quartier atandakanye yahano mugisgara ca Bujumbura bidoga bavugako amashirahamwe 13 yashinzwe igikorwa co gukura imicafu mu mihana imaze igihe idakora ico gikorwa.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.