Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Nzero umwaka w’2018

26/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Nzero umwaka w’2018

• Ibibanza ibihumbi 3828 biri mu ma commune atandukanye y’igihugu nivyo bizokorerwamwo igikorwa co kwandika abazoja mu matora yo kwemeza cake guhakana integuro y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro hamwe no mu matora yo mu mwaka w’ 2020. Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu wabishikirije kuruyu wa 5 mu nama wagiranye n’inzego z’igihugu zirabwa nivy’amatora. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uyo murwi akemezako mubazokwandikwa hazoba harimwo n’abazoba batarakwiza imyaka yo gutora muruyu mwaka wa 2018 ariko bazokwiza imyaka yo gutora mu matora yo mu mwaka w’ 2020.

• Abanywanyi batatu b’ishirahamwe Parcem bumvirijwe muri sentare nkuru ikukira intara ya Muramvya kur’uyu wa gatanu. Ni mu gihe urwo rubanza rwari gusomwa ku wa kabiri ukwezi kwa kabiri. Sentare ikaba yasiguye ko rwasubiye kwumvirizwa ngo kuko hari umucamanza yari yashashe yashinzwe ayandi mabanga. Mw’ishirahamwe Parcem bo basaba ko abanywanyi babo bokwezwa bakarekurwa. Faustin Ndikumana arongoye Parcem atangazwa nuko urubanza rwasubiye kuburanishwa mu gihe hari ivyegeranyo vyari vyanditswe akagira icizere c’ubwigenge bw’ubutungane kugira abanywanyi biryo shirahamwe barekurwe.

• Umushikirizamanza wa repuburika yasabiye abo banywanyi b’ishirahamwe Parcem umunyororo uri hagati y’imyaka 20 na 25 hamwe n’ihadabu ry’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi kuri umwe wese. Naho bo basaba kwezwa, sentare yashize urubanza mu mwiherero rukazosomwa ku wa 26 ukwezi kwa kabiri 2018.

• Ishirahamwe ryinshinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Leta Olucome ririyamiriza iduzwa ry’igiciro c’ibitoro. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye Olucome ngo ama tagisi atozwa ku bitoro ni umurengera . Leta ngo ntiyitayeho inyungu z’abanyagihugu mu kuduza ivyo biciro.
Ishirahamwe Olucome risaba ko hojaho ikigega ntegabizoza c’ibitoro kandi kigakoreshwa neza ata busuma.

• Impunzi z’aba kongomani amajana ane zakuwe mu ntara ya Rumonge zigana mw’ikambi y’impunzi y’aba kongomani iri i Kavumu mu ntara ya Cankunzo. Abandi bakaba bakirindiriye gushikanwa muyandi makambi. Bamwe muribo bavuga ko bifuza gusubira mu gihugu cabo ahitwa i Buvira mu kurindira ko umutekano ugaruka. Hariho kandi impunzi z’aba kongomani zishika cumi zafashwe n’igipolisi, zagirizwa kuba mu barwanyi baba Maï-Maï.

• Inka 6 zarakubiswe n’inkuba kuruyu wa 3 nk’igihe c’isaha 8. Hari ku musozi Minyare komine n’intara ya Cankuzo.Nkuko bimenyeshwa n’igipolisi ngo hari n’intsinga z’amatara zononekaye bivuye kuriyo nkuba. Izo nka zikaba zariz’abitwa Slyvère na Désiré.

• Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Reta, amenyesha ko naho Reta ifise umugambi wihuta wo gusanura ikibuga c’indege ca Bujumbura n’uwo kwubaka ikibuga gishasha c’i Kabamba, muri komine Gashikanwa, umugambi wo kwubaka ikibuga c’i Bugendana nawo ngo ntiwibagiwe. Ikibuga c’i Kabamba ngo kirihutirwa kubera kizofasha haramutse habaye ingorane z’umutekano. Umushikiranganji Jean Bosco Ntwunzwenimana akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.