Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 24 Nzero umwaka w’2018

24/01/2018 Edition : 1

• Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rigize ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko na Afrika y’amajepfo, COMESA, avuga ko Uburundi bwatunganije ivyo bwasabwe kugira inama igira 20 ya COMESA ibere mu Burundi. Sindiso Ngwenya, mu gihe yarashitse kur’uyu wa gatatu i Bujumbura, akaba yamenyesheje ko aje guheraheza imyiteguro isa n’iya nyuma itegura inama y’abakuru b’ibihugu vya COMESA izoba ku magenekerezo ya 18 na 19 mu kwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka wi 2018

• Umukuru w’umugwi ujejwe gutegura iyo nama igira 20 ya COMESA, Zéphirin Maniratanga avuga ko Uburundi buzohungukira vyinshi. Avuga nko mu bijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu hamwe n’ivy’ubutunzi

• Ikiziga c’umwana w’imyaka 6 catowe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu gatondo ko kuruyu wa 3 hafi y’ikivuko c’uburovyi mu Rumonge. Ico kiziga cahavuye kimenyekana kwaric’umwana wo kw’ibarabara rya 6 muri Quartier Swahili mu gisagara ca Rumonge. Icishe uwo mwana ntikiramenyekana neza. Ariko inkuru nyinshi zimenyesha yuko uyo mwana yoba yasomye nturi ariko aroga mu kiyaga Tanganyika.

• Hafi isaha indwi z’umutaga, Igikamyo gitwa amazutu catembagaye hafi y’uruzi Ruvubu. Uwunganizi w’umushoferi yakomeretse cane aca yitaba Imana ashikanywe ku bitaro Vy’i Gitega. Umushoferi we yakomeretse ku muntwe bikomeye. Interpetrole ifadikanije n’igiporisi ifadikanije na OBR bakaba bikaba vyaaciye bifadikanya mu gukuramwo igitoro bagishira mu yindi kamyo. Isanganya ryatewe no kunanirwa gutumbereza imodoka kw’umushoferi.

• Umushikiranganji ajejwe indero n’inyigisho za kaminuza avuga yuko atewe umutima uhagaze n’amashure yakaminuza yigenga atanga inyigisho zo mw’ijoro. Amenyesha yuko abanyeshure basiba cane. Nk’abakora hagati mu gihugu biga i Bujumbura. Umushikiranganji Jamvière Ndirahisha asaba abarongoye amashure kubahiriza amategeko.

• Rugamba, ikaba itanga n’inyigisho zo kumugoroba,Ntahakana yuko hari abanyeshure basiba. Ariko ayemeza ko nabo ku murango basiba co kimwe n’abiga mu makaminuza ya Reta. Asigura kandi ko n’abiga mw’ijoro amasaha menshi bayiga mu mpera z’indwi

• Harakwiye kujaho umugambi wo gushigikira abanyororo barekuwe ikivunga, ngo kuko bitagenze uko, bamwe murabo barekurwa baca basubira gukora ivyaha aho baca basubira mu ma bohero, ivyo vyashikirijwe na bamwe mu barekuwe mu kigongwe c’ikivunga c’umukuru w’igihugu batashoboye gushika mu ma komine yabo ubu bakaba bari muri komine ya Mutambara, ahasanzwe hubatswe ibohero rikuru rya Murembwe mu ntara ya Rumonge, aho babayeho biyungunganya

• Abanyagihugu bo mu ma quartier atandukanye ya hano mu gisagara ca Bujumbura baridogako amashirahamwe ajejwe gukura imicafu mu mihana yabo itubahiriza amasezerano yogukora ico gikorwa. Aho twaciye mu ma quartier amwe amwe, kumabarabara haribonekeza imifuko yuzuyemwo imicafu. Ababa murayo ma quartier bakemezako ukwezi gushobora guhera abakura iyo micafu batagiye kuyikura. Bagasabako bokwubahiriza amasezerano.
• Igenekerezo rya 24 ukwezi kwa 1 harahimbazwa umusi wahariwe akaranga k’ikinyafrica. Uwo musi ukaba wahimbarijwe ku ncuro ya 1 i Bamako mu gihugu ca Mali. Umuririmvyi w’umurundikazi Emelance Emy yaserukiye Uburundi muriryo sabukuru amenyeshako ari akaryo keza kuri Africa yose muri rusangi ko guhuza imico y’ibihugu bitandukanye biyigize. Amenyesha ariko kwari we murundi wenyene

• Mu bushikiringanji bw’urwaruka, inkino n’imico kama bamenyesha ko kuba Uburundi butarungitse imirwi ibuserukira muriryo sabukuru ari ukubera bari bakiriko barivyitegurira. Ngo ni mu ntumbero yo kugira Uburundi nabwo bwerekane akaranga kaburanga. Rosette Irambona umuvugizi w ‘ubwo bushikiranganji ahamagarira abarundi kubungabunga imico n’imigenzo y’ikirundi.

• Kuruyu wa 3 kandi n’umusi mpuzamakungu wahariwe inkino kubigeme nabakenyezi Sport féminin. Liliane Nshimirimana umunyamabanga mukuru w’umurwi w’abigeme New Colombe bakina urukino rw’amaboko volleyball abonako hano mu burundi uyumusi ugeze abigeme n’abakenyezi bakiri inyuma mubijanye n’inkino. Ivyo asigurako biterwa n’imico yahano mu burundi aho abarundi bibwirako inkino ziraba abagabo gusa. Liliane Nshimirimana atera akamo abakenyezi n’abigeme gutahurako nabo babishoboye kuja muvy’inkino.

Forum des lecteurs d'Iwacu

1 réaction
  1. Nsengiyumva

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.