• Imwe mu migambwe ihurikiye mw’ihuriro ry’imigambwe FDP ifise amakenga kubiciro vy’ikarata karangamuntu. Abel Gashatsi arongoye umugambwe Uprona umwe muriyo migambwe, avugako hari amafaranga abajejwe intwara usanga basaba uwugiye gusaba karangamuntu ntihakurikizwe igiciro kizwi. Akabonako ivyo bishobora kwima uburenganzira bwokuja gutora kubanyagihugu badafise uburyo bwokuriha iyo karata kugira biyandikishe. Asabako Leta yofata ingingo zorohereza abanyagihugu kuronka karangamuntu.
Ivyo yabishikirije igihe kuruyu wa 2, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bawariko burashigurira abanyamigambwe bari mw’ihuriro ry’imigambwe FDP ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwanshingiro. Thérence Ntahiraja avugira ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu ahamagarira abajejwe intwaro ko bokora ibishoboka vyose kugirango bubahiriza ibiciro vya karangamuntu hakurikijwe ibiciro bizwi kugirango borohereze abanyagihugu bazoja mu matora.
• Hari umwana w’umwigeme w’imyaka 5 yaraye yitavye Imana ahitanywe na Grenade . Abandi banu 2 barakomeretse cane bahitanywe niyo grenade nyene. Nkuko bivugwa n’igi polisi, iyo grenade ngo yaturikiye murugo rwuwitwa Cassien Shiramazinda ruri ku musozi Munyika muri commune Rugombo. Iyindi grenade yamaze kwononekera yarongeye iturikira mururwo rugo yene. Uyo serugo asigurako izogrenade zari zatowe aho bari biriwe barimba imifurege. Abakomeretse bariko baravugwa,mu gipolisi bakavugako amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye aho izo grenade zavuye ningene zaturitse.
• Urunani mpuzamasyndika cosybu rumenyesha ko ata nyishu ishimishije baronse ku kibazo kijanye n’ikugwaho ry’uturusho tw’abakozi inyuma y’umubonano bagiranye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu. Icegera c’umukuru wa cosybu, Celestin Nsavyimana akavuga ko bumvikanye ko hoba icigwa kizoraba ingorane n’ingarukambi ku bakozi z’iyo ngingo ya leta ikuraho uturusho ku mishara y’abakozi.