Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 23 NZERO 2018

23/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 23 NZERO 2018

• Imwe mu migambwe ihurikiye mw’ihuriro ry’imigambwe FDP ifise amakenga kubiciro vy’ikarata karangamuntu. Abel Gashatsi arongoye umugambwe Uprona umwe muriyo migambwe, avugako hari amafaranga abajejwe intwara usanga basaba uwugiye gusaba karangamuntu ntihakurikizwe igiciro kizwi. Akabonako ivyo bishobora kwima uburenganzira bwokuja gutora kubanyagihugu badafise uburyo bwokuriha iyo karata kugira biyandikishe. Asabako Leta yofata ingingo zorohereza abanyagihugu kuronka karangamuntu.

Ivyo yabishikirije igihe kuruyu wa 2, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bawariko burashigurira abanyamigambwe bari mw’ihuriro ry’imigambwe FDP ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwanshingiro. Thérence Ntahiraja avugira ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu ahamagarira abajejwe intwaro ko bokora ibishoboka vyose kugirango bubahiriza ibiciro vya karangamuntu hakurikijwe ibiciro bizwi kugirango borohereze abanyagihugu bazoja mu matora.

• Hari umwana w’umwigeme w’imyaka 5 yaraye yitavye Imana ahitanywe na Grenade . Abandi banu 2 barakomeretse cane bahitanywe niyo grenade nyene. Nkuko bivugwa n’igi polisi, iyo grenade ngo yaturikiye murugo rwuwitwa Cassien Shiramazinda ruri ku musozi Munyika muri commune Rugombo. Iyindi grenade yamaze kwononekera yarongeye iturikira mururwo rugo yene. Uyo serugo asigurako izogrenade zari zatowe aho bari biriwe barimba imifurege. Abakomeretse bariko baravugwa,mu gipolisi bakavugako amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye aho izo grenade zavuye ningene zaturitse.

• Urunani mpuzamasyndika cosybu rumenyesha ko ata nyishu ishimishije baronse ku kibazo kijanye n’ikugwaho ry’uturusho tw’abakozi inyuma y’umubonano bagiranye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu. Icegera c’umukuru wa cosybu, Celestin Nsavyimana akavuga ko bumvikanye ko hoba icigwa kizoraba ingorane n’ingarukambi ku bakozi z’iyo ngingo ya leta ikuraho uturusho ku mishara y’abakozi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.