Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 19 nzero 2018

19/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 19 nzero 2018

•Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwafashe ingingo yo kuduza ibiciro vy’igitoro. Ilitiro ry’ibitoro vyo mu bwoko bwa essence n’amazutu vyahora ku mafaranga 2100 ryashizwe ku mafaranga 2250 mu gihe i peteroli yo yakuwe ku mafraga 1800 ishirwa ku mafaranga 2000. Leonidas Sindayigaya avugira ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu avuga ko iyo ngingo yafashwe kubera ko ibiciro vy’ibitoro vyadugijwe kw’ isoko mpuzamakungu nayo amafaranga y’uburundi

Mw’ishirahamwe ry’abatwara abantu n’ibintu ATRABU bavuga ko iyo ngingo ica ituma ibiciro vyo kwunguruza abantu biduga. Charles Ntirampeba umunyamabanga mukuru wa ATRABU avuga ko ibiciro vyo kwiyunguruza bigiye kwongerwako ibice 7n’uduce 14 kwijana ngo kuko arivyo vyadugijwe ku biciro vy’igitoro
Mw’ ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO ntibashima iyo ngingo ngo ije gutuma ibiciro vy’ibidandazwa biduga.

Noel nkurunziza akanegura ko mu gihe ibiciro bigabanutse kw’ isoko mpuzamakungu ata gikorerwa umuguzi . Asaba ko reta yoshiraho ikigega c’ibitoro vy’intega bizoza ikanaraba kugira ntihagire abaca bikika mu kiza mu kuduza ibiciro . Abaguzi nabo ngo boraba bakaza baragura ivyo bakeneye cane ngo kuko ubuzima butagiye kworoha

•Uburundi ngo bwarashize mu ngiro ivyo bwari bwasabwe mu bijanye no kubahiriza agateka ka zina muntu. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo bwashikirije mw’ Ikoraniro rigira 29 ry’inama ijejwe kubahiriza agateka ka zina muntu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko ribera i Génève. Muvyo bwashize mu ngiro hakaba harimwo uguhindura amategeko no guteza imbere agateka k’abakenyezi. Igihugu c’Ubufaransa kikaba casavye Uburundi kugwanya ukudahana no kubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro.

•Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ribona ko indyane za politique zatanguye kuva mu mwaka wa 2015 zabandanije kugera mu mwaka uheze wa 2017. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona rifatira ku bwicanyi butandukanye bwabandanije no mu mwaka wa 2017, aho ngo hagiye haratorwa ibiziga vy’abantu bishwe. Iryo shirahamwwe rinafatirako mu mwaka wa 2017 ama grenade yagiye araterwa mu bibanza bitandukanye na cane cane mu bunywero agahitana abantu. Ikindi ngo cerekana ko indyane za politique zabandanije nuko nubu hakiri abarundi bari mu buhungiro.

•Abanyagihugu bo ku mutumba wa Gahoma komine Mabayi intara ya Cibitoke baridoga ko bahawe umuzibukiro w’intica ntikize ku mazu n’amatongo yabo ahariko hacukurwa ubutare n’ishirahamwe Tanganyika Mining Burundi, ivyemezwa n’umukuru w’uwo mutumba. Abo banyagihugu bavuga kandi ko n’amazu bariko barubakirwa bavyemeye ku gitsure c’abatware baho i Mabayi kuko bo bashaka amahera akwiye.

•Umukuru wa zone Butahana aremeza ko imyidogo yabo banyagihugu ayumva. Akavuga ko umuzibukiro wahawe abo banyagihugu ukurikije amategeko naho adahakana ko watanzwe hakurikijwe itegeko rya kera. Albert Nemeyimana agahakana ariko ko bubakiwe inzu ku nguvu akemezako vyasabwe n’abapfasoni ngo kugutinya ko abagabo bahawe ayo mahera boca barongora abandi bagore.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.