Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu mu Kirundi yo ku wa 29 Nzero 2018

29/01/2018 Edition : 7

• Abatavugarumwe na reta y’ i Burundi bari mu gihugu c’uburundi n’’abandi bari hanze y igihugu bahurikiye mu runani CNRED bahuriye mu gihugu ca Kenya . Umubonano wo kuja hamwe nugushira inguvu hamwe . Mu ntumbero yo kubahiriza amasezerano y’i arausha no kurwanya ihinyanyurwa y’ibwirizwa shingiro . Pangarace Cimpaye avugaira urunani CNARED agashima ko izo mpande ziriko eziratrera intambwe mu kumva kumwe ibibazo biri mu gihugu c’Uburundi

• Bamwe mu banyagihugu bo mu ma commune ya Buganda na Rugombo intara ya Cibitoke bagiriza umurwi CECI ujejwe gutegura amatora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro muriyo ntara ko utariko ukora wigenga. Abo banyagihugu bemezako uwo murwi uguma uhindura intonde zabatowe ngo bazokore igikorwa cokwandika abazoja mu matora atansiguro utanze. Bagasaba umurwi CEPI ujejwe gutegura amatora kurwego rw’intara ya Cibitoke gufata mu minwe ico Kibazo. Twagerageje ku rondera abarongoye imirwi ijejwe gutunganya amatora mur’ayo makomine turabakena . Tukazobananya tuvbarondera kugira batange umuco ku makenga yabo banyagihugu .

• Impunzi zirenga 1200 z’aba kongomani nizo zakiriwe ku’uyu wa mbere ku kivuko ca Rumonge . Bose bakaba baje bava mw’izinga rya ubwari aho bahunze ingwano hagati ya bagwanyi baba mai mai n’abasirikare . Bose ntibashimye guhabwa ubuhungiro m’uburundi Bakaba bahisemwo kuja kurindirira mu gisagara ca Uvira .

• Aborozi babuze impene zatewe n’akaranda ngo bagiye gushumbushwa n’ibanki y’isi yose. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide Rurema amenyeshako basanze impene zarwaye ari izari zatanzwe n’umugambi w’ibanki y’isi yose.Yemeza kandi ko bagiye guhimiriza ku bijanye n’imbuto n’ibitungwa vyinjira mu gihugu bivuye hanze.Ivyo umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi akaba abishikirije inyuma yaho impene zirenga 3000 zo mu ntara za Gitega, Mwaro na Kirundo zihitanywe n’ingwara y’akaranda k’impene

• Igipolisi carahagaritse kur uyu w’imana abakenyezi bagera kuri 13 n’umugabo umwe muri komine Mabanda iri mu ntara ya Makamba, bari bajanywe mu gihugu ca Omani, aho babanza guca mu bihugu vya Tanzaniya na Kenya. Nkuko bimenyeshwa n’umuvugizi w’ubushikiranji bw’umutekano, Pierre Nkurikiye, ng ‘abo bantu bari bajanywe n’umugabo hamwe n’umugore. Batatu mur uwo mugwi barahunze. Igipolisi kivuga ko kigiye gukorana n’igipolisi ca Tanzaniya na Kenya ngo batuze urudandazwa rw’abantu

• Igipolisi carafashe kandi abantu 6 bagirizwa ubusuma bakoresheje imipanga, bakaba bafatiwe mu ma kartier ya Gisyo na Nkenga Busoro muri zone ya Kanyosha, hari mw’ijoro ryo kur uyu wa mungu nko mu masaha y’indwi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akavuga ko mur’abo bafashwe ko harimwo umukuru w’umutumba. Avuga kandi ko igipolisi kiriko gikora ibishoboka ngo gituze abo bakora ubwo bubisha.

Forum des lecteurs d'Iwacu

7 réactions
  1. namahoro nivyiza gushunbusha.aboborozi kwivyobitugwa vyafashwe nako karanda

  2. Nivyiza Kwabobantu Bafashwe Ndashimbiyecane Ubushikiranganji Bwumutekano

  3. Nuwera Aderne

    Mwiriwe Ndashaka Ko Mumpa Amakuru Yerekeye Amatora Yabaye Ejo Ku 20-5-2020

  4. Nivyiza Gusubiriza Abo Babonako Amakenga Ariko Batabahora Imigambwe Baba Barimwo .

  5. Nivyiza Koboshumbusa Abobantu Kand Kumatora Barakwiye Gusubizamwo Abonyene Bahoramwo.Nn Ubu Ntakuja Hanze?Ufise Resepase Ntakugenda?Cank Naresepase Ntabakizitanga?

  6. pitty

    umugwi ujewe gutegura amatora ukwiye kuraba aho amatora yabaye atangorane hagakora abari bakoz. ahabaye amakenga naho nivyiza gusubiriza kuko ntiboshiramwo abantu babona ko ari abazotoba amatora bababona.ariko icari kuba ciza gusumba nuko bogumijemwo abari bakoz kuko aribo bari babonye utunenge hirya nohino akaba aribo vyokworoheye mukumenya abokwonona amatora vyihuta bafatiye kubakoz muhzgrw.

  7. Le Burundi Et Un Pay Qwi N’a pas La Mour

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.