Notre journaliste Jean Bigirimana porté disparu depuis 3571 jours. Nous ne l'oublions pas.

Web Radio

20/02/2018

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 20 Ruhuhuma 2018

Abanyepolitique 6 bari mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi CNARED bari kubonana n’umuhuza mubiganiro vyabarundi benjamin william mkapa mu gihugu ca tanzaniya.amakuru ava aho murico gihugu muvyo bavuganye ngo harimwo kwiga uko ibiganiro vyobandanya hamwe rero n’ibijanye n’ibwirizwa shingiro ryimirije gutorwa n’abarundi bisabwe na reta y’uburundi. Murabo banyepolitique babonanye n’umuhuza Mkapa ngo hoba harimwo n’abanyepolitique […]

19/02/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 19 RUHUHUMA 2018

• Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni umenyesha ko abantu barenga imiliyoni 5 aribo biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro n’amatora yo mu mwaka w’2020. Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi Ceni yemeza ko ibice 112,01 kw’ijana vy’abari bategekanijwe kwandikwa aribo biyandikishije.Uwo arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni ahamagarira abarundi bose kubika neza […]

16/02/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 16 RUHUHUMA 2018

•Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI wemeza ko inyuma y’imisi 8 hatanguye igikorwa co kwandika abazoja mu matora y’ukwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ ibwirizwa nshingiro hamwe n’amatora yo mu 2020 abamaze kwiyandikisha bangana n’ibice 92,2 kw’ijana vyabo bari biteze. Umurwi CENI ukavuga ko ico gikorwa kizorangira kuruyu 6 igenekerezo rya 17 kuno kwezi nkuko […]

15/02/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 RUHUHUMA 2018

• Hatowe ikiziga c’umukenyezi muri zone Kizuka iri muri commune Rumonge muntara ya Rumonge. Abishe uwo mukenyezi ntibaramenyekana. Mugipolisi bavugako amatohoza yamaze gutangura. • Bamwe mu banyepolitique baragiriza inzego zumutekano gukora imirimo yabo nabi kuko ico abategetsi batwara babatumye bagikora batarinze kwiyumvira naho kiba ari kibi.kubwabo bakemezako abo bajejwe umutekano bari bakwiye gukorera abanyagihugu bose […]

14/02/2018

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 14 ruhuhuma 2018

Ishiraharahamwe riraharanira agateka ka zina muntu Amnesty international risaba abategetsi b’Uburundi kurekura abapfungwa bazira ivyiyumviro vyabo. Ridoma urutoke ku mu kuru w’ishirahamwe Njabutsa tujane Germain Rukuki, uwahora ari ijosho ry’ishirahamwe Aprodh hamwe n’abanywanyi batatu b’ishirahamwe Parcem bapfungiwe mu ntara ya ngozi. Ku bw’iryo shirahamwe nta kindi abo bantu bazira atari ugaharanira uburenganzira mu mahoro. Ivyo […]

13/02/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 13 RUHUHUMA 2018

• Igikorwa co kwandika abazoja mu matora cabandanije kumusi ugira 6. Kubijanye nico gikorwa, Isoko yo murumonge yazindutse yugaye kugera isaha 4 z’agatondo kuruyu wa 2. Abadandaza bakaba bavuze bari bahawe itegeko ryuko atawuja gukorera muriyo soko atabanje kwerekana agapapuro kemezako yiyandikishije kugira zoje mu matora yimirije. Ni mugihe isoko yongaho mu rumonge yahora yugururwa […]

12/02/2018

Au sommaire de l’édition de ce lundi 12 février 2018 du journal ’’Amakuru y’Iwacu’’

• L’enrôlement des électeurs au référendum constitutionnel et aux élections de 2020 est à son 5ème jour. Des cas d’irrégularités s’observent depuis le début de l’enrôlement. Il s’agit notamment des arrestations des agents recenseurs et encadreurs accusés de falsification de l’inscription. • Les élèves de différentes écoles secondaires des communes Rumonge et Nyaza-Lac ont été […]

12/02/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 12 Ruhuhuma umwaka w’2018

• Igikorwa co kwandika abazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro nabazoja mu matora yo mu 2020 cabandanije ku musi ugira 5. Mu tunenge tumaze kwibonekeza ahanini nuko hari abariko barakora ico gikorwa bahagarikwa bagirizwa ko bariko baragikora ukutariko. • Abanyeshure bo ku mashure amwamwe yisumbuye yo mu gisagara ca Rumonge bazindutse bategekwa […]

09/02/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 9 RUHUHUMA 2018

• Igikorwa cokwandika abazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro catanguye kuruyu wa 4 cabandanije no kuruyu wa 5 mu gihugu cose. Abantu 2 mubari mugikorwa cokwandika abazotora muri commune Ntega mu ntara ya Kirundo bakaba bahagaritswe n’igi polisi. Tharcisse Niyonkuru na William Nimbona bariko bakorera mu kibanza cokwandikiramwo kiri ahitwa Rutagara muri […]

08/02/2018

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 8 ruhuhuma 2018

•Kuruyu wa 4 niho hatanguye igikorwa co kwandika abazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Aho twaciye mu ma komine ya hano mu gisagara ca Bujumbura kugera isaha 6 zirenga z’umurango abatari bake mu bazokora ico gikorwa bari bakiriko baratora ibikoresho. Uwujejwe amatora muri Mairie ya Bujumbura asigura ko uko gucerwa kwatewe […]

MENU