Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 20 Ruhuhuma 2018

20/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 20 Ruhuhuma 2018

Abanyepolitique 6 bari mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi CNARED bari kubonana n’umuhuza mubiganiro vyabarundi benjamin william mkapa mu gihugu ca tanzaniya.amakuru ava aho murico gihugu muvyo bavuganye ngo harimwo kwiga uko ibiganiro vyobandanya hamwe rero n’ibijanye n’ibwirizwa shingiro ryimirije gutorwa n’abarundi bisabwe na reta y’uburundi. Murabo banyepolitique babonanye n’umuhuza Mkapa ngo hoba harimwo n’abanyepolitique batavuga rumwe na reta bimbere mu gihugu .abobatatu bari hanze bakaba barongowe na docteur jean Minani arongoye CNARED

Urunani rw’abanyapolitique batavuga rumwe na reta CNARED ruvugako rutemera ibitigiri vyashikirijwe n’umurwi CENI utegura amatora kubijanye nivyavuye mw’iyandikwa ry’abazoja mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Pancrace Cimpaye avugira urunani CNARED abonako atawofatira kubitigiri bitangwa n’umurwi CENI mukwemezako abanyagihugu bitavye kubwinshi igikorwa cokwiyandikisha kuko ngo hari abanyagihugu bategetswe kuja kwiyandikisha kunguvu. Pancrace Cimpaye avugira urunani CENARED ivyo abivuga mugihe umurwi CENI watangaje ko washikanye ibice birenga 112 kw’iajana vy’abo bari bitezeko biyandikisha.

Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA bo bemezako bashimishijwe n’urugero rw’abiyandikihije kugirango bazoje mu matora. Abel Gashatsi arongoye umugambwe UPRONA akavugako atawovugako ivyo bitigiri bitangwa n’umurwi CENI atarivyo kuko ngo vyabonetse kurubuga ko abanyagihugu bumvise akamo batewe ko kuja kwiyandikisha

amafaranga angana kumilioni 23 zamafaranga y’amarundi niyo yaraye uburiwe irengero kubiro vya posita yo muri komine mugina intara ya cibitoke.amakuru ava aho muriyo komine akatumenyeshako umukozi yazimiriyeko asigurako ayo mafaranga yagiye mu bintazi « magie » mururimi rwigifaransa.agasigurako hinjiye umuntu amuvunjira inoti y’ibihumbi 10 munyuma ayo mahera aca arayabura. Ubu rero uwo mukozi akaba ariko arabazwa kumvo zamatohoza.

Ishirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo Parcem ribonako hakiri agahaze mu bijanye n’intererano y’amatora ariko aratozwa na reta y’uburundi. Faustin Ndikumana arirongoye amenyesha ko gushika ubu hataramenyekana igitigiri c’amafaranga bakeneye kugira ayo atora yose abe. Agaruka kandi ku bijanye n’ugutoza intererano bidakorwa mu muco. Faustin Ndikumana arongoye Parcem agatera akamo ko hokosorwa utunenge twose tumaze kwibonekeza

Umushikiranganji ajejwe itumatumanako ry’amakuru ahamagarira abamenyeshamakuru gushikiriza amakuru arimwo ituze. Nestor Bankumukunzi avugako umumenyeshamakuru akwiriye gukora umwuga wiwe akurikije amategeko. Aho akaba ari mu ntumbero yo gukora neza mu bihe vy’amatora vyimirije. Umushikiringanji ajejwe itumatumanako ry’amakuru akaba yabivuze kuruyu wa 2 mu ruganda ku bamenyeshamakuru bakorera amaradiyo yegereye abanyagihugu

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.