Web Radio

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 9 RUHUHUMA 2018

09/02/2018 La Rédaction 0

• Igikorwa cokwandika abazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro catanguye kuruyu wa 4 cabandanije no kuruyu wa 5 mu gihugu cose. Abantu 2 mubari mugikorwa cokwandika abazotora muri commune Ntega mu ntara ya Kirundo bakaba bahagaritswe n’igi polisi. Tharcisse Niyonkuru na William Nimbona bariko bakorera mu kibanza cokwandikiramwo kiri ahitwa Rutagara muri zone Mugendo bahagaritswe bagirizwa ko bafashwe bandika amazina atariyo yabagiye kwiyandikisha.

• Mumugambwe w’abadasigana UPRONA naho bahamagarira abanywanyi bawo kwiyandikisha atawusigaye inyuma kugirango bazoje mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Abel Gashatsi arongoye uyo mugambwe akabibutsako uwutazoba yiyandikishije azoba atakaje namahirwe yogushobora kuzotora mu matora yo mu 2020.

• Tukivuga ibijanye nico gikorwa ciyandikwa ryabazoja mu matora, umugambwe uri k’ubutegetsi CNDDFDD uhamagarira abarongoye uyo mugambwe mu ntara gukurikiranira hafi ibijanye nokwandika abazoja mu matora yokwemza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Murwandiko uyo mugambwe wasohoye ruriko umukono wumunyamabanga mukuru wuyo mugambwe Evariste Ndayishimiye, uvugako bamwe mubarongoye uyo mugambwe mu ntara bataciteguriye neza. Bagahamagarirwa gushwara imitumba yose igize igihugu kugirango bahimirize abanyagihugu kuja kwiyandikisha. Hamwe nokuraba ko bakwije ibisabwa kugirango biyandikishe.
Uwo mugambwe unabahamagarira kwama batanga icegeranyo cabiyandikishije ku musi kumusi imiso yose kumuhingamo. Muruyomugambwe bakaba ngo bazogira icegeranyo c’ingorane intara yose yagiye iragira . Ivyo ngo akaba arivyo uzofatirako mugufata
ingingo zibereye.

• N’urunani Amizero y’abarundi rurahamagarira abanywanyi barwo kuja kwiyandikisha. Tatien Sibomana umwe mu banya politique bari mu runani amizero y’abarundi avugako naho urwo runani rutemera amatora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro,abanywanyi babo boja kwiyandikisha kugirango mu matora yo mu 2020 ntibazobure amahirwe yogutora mugihe ayo matora yogera impande zose zirabwa n’ivyama tora zumvikanye. Tatien Sibomana numwe mubanya politique batavuga rumwe na Leta bari murunani Amizero y’abarundi.

• Umurwi w’igihugu ujejwe ivy’agateka ka zina muntu CNIDH ubona ko ivyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa Onu ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ari nk’inkebuzo. Kubw’umukuru w’uwo murwi Jean Baptiste Baribonekeza, ngo ishirahamwe mpuzamakungu Onu n’urwego ruraba ivyo kw’isi yose. Nayo ku bibazo bijanye n’intererano y’amatora, umurwi CNIDH ngo ubikurikiranira hafi. Jean Baptiste Baribonekeza arongoye umurwi CNIDH akaba yabivuze mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru.

• Aba congomani barenga ibihumbi bitatu bahungiye hano mu Burundi bahunga intambara zimaze imisi zihuza abasirikare ba Leta ya Congo n’umuhari w’abarwanyi MaiMai, ntibemeye gushirwa mu ama kambi y’impunzi yahano mu Burundi. Bakaba basavye indaro mu mihana itandukanye y’intara ya Rumonge. Bulamatari w’intara ya Rumonge akaba yahaye iminsi 3 ng’izo mpunzi zizobe ziyandikishije kubarongoye ama kartier n’imitumba ngo zimenyeshe ko zikeneye kujanwa mu nkambi canke ngo zisubizwe mu gihugu ca Congo . Bulamatari akavugako ivyo n vyapfundikiwe mu nama yahuje bulamatari wa Rumonge n’ubuserukizi bwa Congo. Abaserukiye impunzi zaba congomani basaba ko ico kiringo cokongerezwa kugira bitunganye neza.

Charte des utilisateurs des forums d'Iwacu

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux, appelant à des divisions ethniques ou régionalistes, divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne, utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans mentionner la source.

Iwacu se réserve le droit de supprimer tout commentaire susceptible de contrevenir à la présente charte, ainsi que tout commentaire hors-sujet, répété plusieurs fois, promotionnel ou grossier. Par ailleurs, tout commentaire écrit en lettres capitales sera supprimé d’office.

Ajouter un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée.

Editorial de la semaine

Non au rapatriement forcé

Léandre Sikuyavuga Commentaires fermés sur Non au rapatriement forcé

Les réfugiés burundais vivant dans les camps en Tanzanie sont sommés de revenir au bercail « de gré ou de force ». Un accord de rapatriement a même été conclu entre les ministres burundais et tanzanien de l’Intérieur. Ce document qualifié de (…)

Notre Web Radio sur What'App

1 Ajoutez le numéro suivant à votre liste de contacts de votre GSM : + 257 76 002 004

2 Ouvrez l'application WhatsApp et envoyez un message à ce numéro avec votre nom + la mention "abonnement".

3 Il n'y a rien d'autre à faire : nous nous occupons de l'activation de votre compte. Vous commencerez à recevoir nos émissions quotidiennes en direct sur votre smartphone.

Online Users

Total 313 users online