Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 8 ruhuhuma 2018

08/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 8 ruhuhuma 2018

•Kuruyu wa 4 niho hatanguye igikorwa co kwandika abazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Aho twaciye mu ma komine ya hano mu gisagara ca Bujumbura kugera isaha 6 zirenga z’umurango abatari bake mu bazokora ico gikorwa bari bakiriko baratora ibikoresho. Uwujejwe amatora muri Mairie ya Bujumbura asigura ko uko gucerwa kwatewe nuko Mairie ya Bujumbura yahawe ivyo bikoresho ubwa nyuma.

Hagati mu gisagara ca Gitega, abantu 50 nibo bari bamaze kwiyandikisha nk’igihe c’isaha 6 ku kibanza kimwe kimwe mu bibanza bine, arivyo Ecofo Yoba, Magarama ya mbere, Ecofo de la paix hamwe na Magarama ya gatatu. Ngo nta tunenge twibonekeje mu bijanye n’ibikoresho n’abakozi bandika bari bakwiye.

Mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni bamenyesha ko biteze abantu barenga imiliyoni 4 bazokwiyandikisha. Prosper Ntahorwamiye avugira uwo murwi avuga ko mu ntara ya Ngozi ariho hibonekeje umwe mu bajejwe kwandika yafashwe ariko yandika anyuranije amazina yabaje kwiyandikisha. Hakwandika amazina asomye kuri karangamuntu yaca yandika ayandi.

Naho kwiyandikisha ku bazokwitaba amatora yimirije vyatanguye abanyagihugu bakirondera ikarata karangamuntu ari nayo isabwa kugira wandikwe baracayirondera kubwinshi hano mu gisagara ca Bujumbura.

Mu gihe ikarata karangamuntu igurwa amafaranga amajana atanu nkuko vyemezwa n’abasitanteri, haraho bariha igihumbi kugira uyironke. Abarongoye ama zone bagasigura ko ayo arengako arayo kuyandikisha.

•Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters Sans Frontières) rimenyesha ko ubutegetsi bw’intara ya Ruyigi butari bukwiye gufatira ibihano umumenyeshamakuru kubera yakoze inkuru itabushimije. Kubw’iryo shirahamwe ngo ni ingingo ihohotera umumenyeshamakuru, ikanabuza abanyagihugu ubwigenge bwo kuronka inkuru. Abamenyeshamakuru nabo ngo ni intumwa zisanzwe ntibajejwe gusambura.

Ivyo ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rikaba ribishikirije inyuma yaho kuruyu wa 3 Bulamatari w’intara ya Ruyigi aburije Jean Claude Nshimirimana umumenyeshamakuru akorera Radio Isanganiro gusubira gutanga amakuru yerekeye iyo ntara.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.