Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 14 ruhuhuma 2018

14/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 14 ruhuhuma 2018

Ishiraharahamwe riraharanira agateka ka zina muntu Amnesty international risaba abategetsi b’Uburundi kurekura abapfungwa bazira ivyiyumviro vyabo. Ridoma urutoke ku mu kuru w’ishirahamwe Njabutsa tujane Germain Rukuki, uwahora ari ijosho ry’ishirahamwe Aprodh hamwe n’abanywanyi batatu b’ishirahamwe Parcem bapfungiwe mu ntara ya ngozi. Ku bw’iryo shirahamwe nta kindi abo bantu bazira atari ugaharanira uburenganzira mu mahoro. Ivyo bikaba biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa 13 Ruhuhuma.

urunani rwimigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwuburundi CENARED ruriyamiriza ibitigiri vyatanzwe n’umugwi ujejwe gutegura amatora ceni kubamaze kwiyandikisha ngo baze bitabe amatora yo kwemera canke guhakana ivyibwirizwa shingiro hamwe n’amatora yo mu 2020 ngo kuko abarundi batariko baritaba ico gikorwa co kwiyandikisha.mwitangazo urwo runani rwashize ahabona bemezako n’abariko bariyandikisha babikoze kunguvu.bakavuga kandiko ubu ngo kumashure , ibitaro , mumasoko hamwe n’okwiyunguruza bigoye kuhaja mugihe udafise agapapuro kerekana ko wiyandikishije. Muriryo tangazo kandi biyamiriza abantu bamaze imisi bahagarikwa n’inzego zumutekano ngo bariko bigisha kuzotora oya mumatora yimirije.urunani rwimigambwe itavugarumwe na reta cenared rugasaba akarere ka africa y’ubuseruko, ubumwe bwa africa, ubumwe bwa bulaya hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gufatira ibihano reta y’uburundi kugira igondozwe ireke guhindura ibwirizwa shingiro rihari.

Hari grenade yaraye itewe mw’ijoro ryo kuruyu wa 2, muri zone ya Musaga mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu baba hafi yaho yatewe bakavuga ko batazi icatumye iterwa n’uwayiteye. Igipolisi kikaba caciye gihagarika abantu 8 mubaba hafi hatewe grenade . Abo banyagihugu bagasaba ko ababo bafashwe n’igipolisi ko borekurwa Ngo kuko atawe bazi yoba afitaniye amatati n’uwundi

Abaganga bahurikiye muri syndicat synapa kukigo c’itaho abagwaye indwara zo mumutwe kiri mukamenge aho bita kwa Regenti baragabisha ko hamwe ibibazo bafitaniye n’ubuyobozi bwico kigo bitoba vyavuye munzira mumisi itarenga indwi bazoca bahagarika imirimo.muvyo bagiriza umuyobozi w’ico kigo harimwo ko amezi agera kuri 16 aheze bataronse uburusho bahora bahabwa prime mururimi gwigifaransa kandi ubushikiranganji bwarayatanze

Kw’igenekerezo rya 14 ukwezi kwa 2 ukwo umwaka utashe haribukwa umweranda Valentiono. Uyu musi bamwe bakaba bawufata nk’umusi mukuru w’abakundana. Bamwe mubanyagihugu bahano mu gisagara ca Bujumbura babonako uyo musi ari akaryo keza ko kubwirana hagati y’abakunzi canke abagenzi agaciro k’ubucuti baba bafitaniye. Abaganiriye n’uruganda rw’amakuru y’iwacu bagahanura abitwaza uyumusi mukuja mungeso z’ubusambanyi

Umuhanuzi muvy’ingo n’imiryango Benny Ndayishimiye abonako uyu musi witiriwe umweranda Valentino ari umusi warukwiye guhimbazwa n’abubakanya gusa ukababera akaryo ko gukomeza urukundo rwabo. Benny Ndayishimiye agahanura abubakanye bafitaniye ibibazo ko botahura ko ivyo bapfa ari bito cane gusumba ivyo bamaze gusangira mugihe bamaranye. Benny Ndayishimiye n’umuhanuzi muvy’ingo n’imiryango

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.