Notre journaliste Jean Bigirimana porté disparu depuis 3571 jours. Nous ne l'oublions pas.

Web Radio

01/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 1 NTWARANTE 2018

• Abantu 2 bagirizwa ko bakubaguye umumenyeshamakuru akorera ikinyamakuru Iwacu Désiré Sindihebura barahagaritswe kuruyu wa 3. Valentin Ku bwimana ajejwe ivy’ubutunzi kw’ivuriro rimwe ryo muri commune Giheta intara ya Gitega hamwe na Berchimas Hakizimana umumenyeshamakuru akorera i radio ijwi ry’umukenyezi ikorera muri iyo commune nyene, ubu bapfungiwe mu gasho ka commune Giheta. Bakaba bagirizwa ko […]

28/02/2018

Amakuru y’Iwacu yo ku wa 28 Ruhuhuma umwaka w’2018

• Inama nkuru ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomeramunwa iriyamiriza ivyashikirijwe n’umukuru w’igisata ca ONU kiraba ivy’agateka ka zinamuntu Zeid Ra’ad Al Hussein aho avuga ko Uburundi ari ibagiro ry’abantu. Mw’itangazo ryiwe ryo kur’uyu wa gatatu, Jean de Dieu Mutabazi arongoye Inama nkuru ijejwe gukinga ihonyabwoko amenyesha ko agateka […]

27/02/2018

AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 27 RUHUHUMA 2018

• Bamwe mu bashingamateka barafise amakenga ku bijanye n’ubwigenge bw’umuhuza w’Abarundi. Bagafatira ko umuhuza w’abarundi Edourd Nduwimana yagiye mubijanye nuguhamagarira abarundi gutora Ego mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Babishikirije igihe umuhuza yariko arashikiriza abashingamateka ivyo yaranguye mu mwaka uheze wa 2017. Banerekanye amakenga kubijanye n’ishigwa mu ngiro ry’ingingo zifatwa n’umuhuza mu bijanye n’amatati […]

26/02/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Ruhuhuma w’2018

MU gatondo ko kuri uyu wa mbere hafi 8 n’igice z’ubuca n’ z’ibiri n’igice z’ijoro, ku mutumba wa Mutoyi, zone ya Mutoyi, ikomine ni Bugendana mu ntara ya Gitega, mu bunywero bw’aho bita mw’i JABE, umusirikare wo ku kirindiro caho ku Mutoyi, yarashe umuntu azwi kw’izina rya Ngenzi Evariste aca arahasiga ubuzima. Igiporisi kivuga yuko […]

23/02/2018

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ruhuhuma umwaka w’2018

• Inama igira 19 y’abakuru b’ibihugu vyo muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko yariko irabera ikampala muri ouganda yarangiye kuruyu wa 5. Muvyashitsweko muriyo nama hakaba harimwo kwongera ikiringo umufasha w’umuhuza mubiganiro hagati y’abarundi Benjamin Mkapa murayo mabanga. Abakuru b’ibihugu bitavye iyo nama bakaba bashimiye amakungu hamwe nabandi bafasha mubiganiro hagati y’abarundi ko babandanya bashigikira […]

22/02/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 RUHUHUMA 2018

•Amezi 19 ararangiye atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana akaba yabonywe irya nyuma kuwa 22/7/2016 muri zone Bugarama mu ntara ya Muramvya. bigAmakuru ava mu bamubonye ubwa nyuma yemeza ko yatwawe n’umuduga woba ari uw’urwego rw’iperereza ; ivyabeshujwe n’igipolisi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba caritwariye umuntu atazwi nayo mu bushikiranganji bw’ubutungane bavuga ko […]

21/02/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 RUHUHUMA 2018

• Kuruyu wa kane hazoba umwiherero hagati y’abakuru b’ibihugu vyo muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko EAC i Kampala mu gihugu ca Ouganda. Uwo mw’iherero uzokurikirwa n’inama isanzwe igira iya 19 izohuza abo bakuru b’ibihugu kumusi wa 5 igenekerezo rya 23 kuno kwezi ahonyene i Kampala. Igihugu c’uburundi kikaba kizoserukirwa n’icegera ca 1 c’umukuru w’igihugu […]

MENU