Web Radio

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 26 Ruhuhuma w’2018

26/02/2018 Emery Kwizera 0

MU gatondo ko kuri uyu wa mbere hafi 8 n’igice z’ubuca n’ z’ibiri n’igice z’ijoro, ku mutumba wa Mutoyi, zone ya Mutoyi, ikomine ni Bugendana mu ntara ya Gitega, mu bunywero bw’aho bita mw’i JABE, umusirikare wo ku kirindiro caho ku Mutoyi, yarashe umuntu azwi kw’izina rya Ngenzi Evariste aca arahasiga ubuzima. Igiporisi kivuga yuko Icabimutumye kitaramenyekana. Cahagaritse uwo musirikare, ikiziga c’uwo muntu naco kikaba kiri mu buruhukiro bwo mu bitaro vyo ku Mutoyi.

Kuri uyu w’Imana naho hafi isaha 2 n’iminota 30 z’ijoro nyene ku murwa mukuru w’intara ya Karusi, umuporisi yaborewe birenze urugero yararashe amasasu ari mu rugo iwe. Umukenyezi wiwe yaratabaje igiporisi kiraza gutabara. Uwo muporisi yitwa Masabire Séverin yabandanije arasa gushika aho akomeretsa uwundi muporisi azwi kw’izina rya Ntungwanayo Rénovat. Uwo yahavuye yitaba Imana ashitse mu bitaro vy’i Karusi. Igiporisikibandanya kimenyesha yuko uwakoze ibara yikinze umwiza akabaca mu ryahumye naho inkoho yiwe bayifashe. Igiporisi kivuga ko kiriko kiramurondera gishimitse.

Haratewe grenade kw’ibarabara rya 15 ryo muri zone cibitoke iri muri commune Ntahangwa hano mu gisagara ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Bamwe mu banyagihugu baho bavuga ko abantu 4 aribo bakomeretse. Umuntu umwe akaba yahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Urubanza rw’abakozi 3 b’ishirahamwe Parcem bakorera mu ntara ya Muramvya rwari rutegekanijwe gusomwa kuri uyu wa 1 rwungururijwe ku rindi sango. Bikaba bitegekanijwe ko ruzosomwa kw’igenekerezo rya 12 z’ukwezi kuza kwa 3. Sentare ikukira intara ya Muramvya ikaba yasiguyeko urwo rubanza rwungurujwe kuko umwe mu bacamanza bumvirije urwo rubanza akitswe n’amagara.

Maitre Joseph Niragira aburanira abo bakozi, avuga ko ivyo bishikirizwa na sentare vyumvikana mu mategeko. Akavuga ko barindiriye iyo sango bahawe na Sentare.

Abo bakozi 3 b’ishirahamwe Parcem bakorera mu ntara ya Muramvya bapfungiwe mw’ibohero rya muramvya. Bakaba bafashwe bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni umenyesha ko ibice 8 kw’100 vy’abiyandikishije aribo bamaze gushirwa mu machine nyabwonko. Umukuru w’umurwi Ceni Pierre Claver Ndayicariye yemeza ko bitegekanijwe ko ico gikorwa co kwandika mu machine nyabwonko kizokorwa mu misi 20. Ni mu gihe ico gikorwa kimaze imisi 4 gitanguye.

Ibiro bitanga impapuro za ngombwa bita « Guichet unique » mu gifaransa turi mu ntara ya Ngozi vyatanze impapuro za mbere. Impapuro z’inzira ziharurwa mw’ijana harimwo za murekarengane, ikarata ya CEPGL vyatanzwe ubwa mbere mu kibanza kitari i Bujmbura. Umushikiranganji Félix Mpozeriniga asaba abanyagihugu kwitura ivyo biro boye gusesagura uburyo bwabo baja kurondera impapuro za ngombwa i Bujumbura.

Umwe mu baronkejwe murekarengane kuri ivyo biro bitanga impapuro za ngombwa vy’i Ngozi, Desiderata Uwimana arashima kubona yoroherejwe mu kuronswa urwo rupapuro rw’inzira. Agasaba ko n’abandi bayikeneye bokworoherezwa,

Mu Mupira w’amaguru ihiganwa rya Primus ligue ryarabandinije ku munsi wa 20 mu mpera z’iyi ndwi . Muri bikuru bikuru vyayiranze :twovuga umurwi wa Messager Ngozi wagumye mu kibanza ca mbere Lydia Ludic Sports 4 Africa nayo mu kibanza ca kabiri

Mu Mupira w’amaboko ,imikino y’akivandimwe yo kwitegurira ihiganwa 2017 rishira -2018 irabandanya .Mu ntara ya Cibitoke Urunani rwatsinze Gmykhna
Ido n’ido na Herve Mugisha

Amakuru twabateguriye kuri uyu wa mbere aha niho agarukiye mwese mwari muduteze abiri turabashimiye. Bagenzi banje twafadikanije kuyatororokanya ndabakengurukiye. Amakuru y’Iwacu kandi murashobora kugira ico muyavuzeko ku rubuga rwayo rwa Face book. Emery kwizeya nayashikirije mbipfurije kugira ibihe vyiza aho muri hose murakoze.

Charte des utilisateurs des forums d'Iwacu

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux, appelant à des divisions ethniques ou régionalistes, divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne, utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans mentionner la source.

Iwacu se réserve le droit de supprimer tout commentaire susceptible de contrevenir à la présente charte, ainsi que tout commentaire hors-sujet, répété plusieurs fois, promotionnel ou grossier. Par ailleurs, tout commentaire écrit en lettres capitales sera supprimé d’office.

Ajouter un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée.

Editorial de la semaine

Le paludisme et la passion

Léandre Sikuyavuga Commentaires fermés sur Le paludisme et la passion

A 13 heures 17 minutes de ce mercredi 20 novembre, nous publions un tweet, les nouvelles ne sont pas bonnes. « Selon nos premières informations, la Cour d’appel a décidé de maintenir en prison les journalistes d’Iwacu, seul le chauffeur (…)

Notre Web Radio sur What'App

1 Ajoutez le numéro suivant à votre liste de contacts de votre GSM : + 257 76 002 004

2 Ouvrez l'application WhatsApp et envoyez un message à ce numéro avec votre nom + la mention "abonnement".

3 Il n'y a rien d'autre à faire : nous nous occupons de l'activation de votre compte. Vous commencerez à recevoir nos émissions quotidiennes en direct sur votre smartphone.

Online Users

Total 383 users online