Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 1 NTWARANTE 2018

01/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 1 NTWARANTE 2018

• Abantu 2 bagirizwa ko bakubaguye umumenyeshamakuru akorera ikinyamakuru Iwacu Désiré Sindihebura barahagaritswe kuruyu wa 3. Valentin Ku bwimana ajejwe ivy’ubutunzi kw’ivuriro rimwe ryo muri commune Giheta intara ya Gitega hamwe na Berchimas Hakizimana umumenyeshamakuru akorera i radio ijwi ry’umukenyezi ikorera muri iyo commune nyene, ubu bapfungiwe mu gasho ka commune Giheta. Bakaba bagirizwa ko bakubaguye umumenyeshamakuru Désiré Sindihebura ku musi wa 6 w’indwi iheze aho yariko arivuna akanyota mu bunywero bumwe bwo muri commune Giheta.

• Hari abanyagihugu babomorewe amazu ahariko harubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu mu Gasenyi bazindukiye ku bushikiranganji bw’ibidukikije. Abo banyagihugu bakavuga ko bari bashumbushijwe mu kuronswa amatongo ari muri zone Maramvya muri komine Mutimbuzi. Umwe murabo banyagihugu twayaze avuga ariko ko ibisabwa kugira baronke impapuro zibegurira ayo matongo bitaraja mu ngiro. Agasaba ko botunganirizwa.

• Igitigiri c’amafaranga ava mu gisata c’ingenzi mu Burundi ntigishimishije ugereranije n’ayo ibihugu vyo mu karere vyinjiza ku mwaka. Uburundi bwinjiza amafaranga atarenga imiriyo 16 z’amadorare y’abanyamerika mu gihe hari ibimaze kwi gushikana umuriyaridi w’amadorare. Umuyobozi w’ikigo kijejwe ingenzi mu Burundi amenyesha yuko bitumwa n’Abarundi bavuga igihugu cabo nabi. Akabasaba kutavuga igihu cabo nabi naho bobab bafise ibibatandukanya

• Irwego rw’igihugu rujejwe gukinga ibiza mu Burundi rumenyesha yuko gikenye uburyo bw’ibikoresho vyo gutabara mu gihe c’impanuka. Amakamyo yo kuzimya umuriro ntakwiye kandi igisagara kiguma caguka. Ico gisata kandi ntigishobora gutaba abatwawe mu kiyaga kubera ubukene bw’ibikoresho. Umukuru w’urwo Rwego Antoine Ntemako asaba Reta gufashanya n’bagira neza kugira ibikoresho biboneke akaba yabishikirije kuri uyu munsi wa mbere Ntwarante usanzwe wahariwe gutabara abashikiwe n’impanuka
akaba yabivugiye mu nama ico kigo cagiraniye n’abakorera mu gisata c’amahoteri n’ingenzi kuri uyu wa kane kugira bavugane ingene bokwitegurira neza inama y’abakuri b’ibihugu biri muri COMESA.

• Urubanza rw’ikibiriraho rw’abasirikare babiri n’umukenyezi bishe umuntu w’umugabo azwi kw’izina rya Ngenzi Evariste baracariwe urubanza na Sentare nkuru y’intara ya Gitega. Abo basirikare babiri Ndabahagamye Jamvier na Mbabazi Jonas baciruwe umunyororo w’ubuzima bwose n’imiriyoni 15, umukenyezi yabafashije nawe Ncahonankwa Sabine yaciriwe umunyororo w’imyaka 20.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.