Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 27 RUHUHUMA 2018

27/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 27 RUHUHUMA 2018

• Bamwe mu bashingamateka barafise amakenga ku bijanye n’ubwigenge bw’umuhuza w’Abarundi. Bagafatira ko umuhuza w’abarundi Edourd Nduwimana yagiye mubijanye nuguhamagarira abarundi gutora Ego mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Babishikirije igihe umuhuza yariko arashikiriza abashingamateka ivyo yaranguye mu mwaka uheze wa 2017. Banerekanye amakenga kubijanye n’ishigwa mu ngiro ry’ingingo zifatwa n’umuhuza mu bijanye n’amatati y’amatongo aho babonako zirengegwa n’abajejwe intwaro.

• Leta y’uburundi yemezako idashobora kuvugana n’ibihugu vy’ubumwe bwa Bulaya kubijanye n’ugufashanya muvyubutunzi hagati y’ivyo bihugu n’ibihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko mugihe ubumwe bwa bulaya buzoba butarakuraho ibihano bwafatiye uburundi. Icegera cambere c’umukuru w’igihugu yabishikirije kuruyu wa 2 inyuma y’inama igira 19 iheruka kuba yari yahuje abakuru b’ibihugu vyo muri EAC. Gaston Sindimwo akavuga ko ico kibazo cari kurutonde rwivyo abo bakuru b’ibihugu bari kwiga, ariko ngo ntibakivuganyeko kuko Leta y’uburundi ataco ishobora kuvuga mugihe ubumwe bwa bulaya butarakuraho ibihano bwafatiye uburundi.

Ivyo biruko mugihe ubumwe bwa Bulaya bwo bwafashe ingingo yokubandanya bufatiye ibihano uburundi. Mw’ikete ubumwe bwa Bulaya bwarungikiye umukuru w’igihugu kuwa 22 kuno kwezi turimwo, bwamumenyeshejeko umugambi woguhinyanyura ibwirizwa nshingiro watangujwe na Leta uraje ishinga ivyo bihugu vy’ubumwe bwa Bulaya. Uwo mugambi ngo ushobora gusubiza inyuma amasezerano y’amahoro y’i Arusha ariyo ngo kugera ubu wari umushinge w’umutekano uri hano mu burundi no muri kano karere. Ubumwe bwa Bulaya bukabobano ibiganiro hagati y’abarundi atawe bikumira ariyo nzira ishoboka yogutora inyishu irama kubibazo biri mu Burundi.

• Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribonako nubu icuka ca politique kitifashe neza mu Burundi. Biri mucegeranyo c’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres cashikirijwe kuruyu wa 1 mu nama ya ONU ijejewe umutekano. Ico cegeranyo kigafatirako hari abanya politique badafise ubwigenge bwogukora ibikorwa vya politique. Ico cegeranyo casomwe n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU hano mu Burundi Michel kafando kiranerekana amakenga kubijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro ko bishobora gukwega indyane mugihugu.

Nayo kuruhande rwa Leta y’uburundi, Albert Nshingiro aserukira uburundi muri ONU yashikirijeko kubijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro ari umugambi wavuye mubanyagihugu. Akabonako ivyo biri murico cegeranyo c’umunyamabanga mukuru wa ONU ari ugushaka kwivanga mubwigenge bw’uburundi. Chutte : Tubamenyesheko bitegekanijwe ko inama ya Onu ijejwe umutekano nayo izogira ico ivuze kubijanye n’ingene ibintu vyifashe mu burundi iyo nama irngiye .

• Uwujejwe ivyagateka kazina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Zeid Al Hussein abonako mu burundi hari ubwicanyi bukorerwa abanyagihugu ico yise abbatoires d’etres humains. Uwo arongoye agateka kazina muntu yabishikirije mu nama isanzwe igira iya 37 y’inama ya ONU ijejwe agateka kazina muntu yo kuruyu wa 1. Zeid Al Hussein ashira uburundi kurutonde rumwe n’ibihugu vya Syria, Birmanie na yemen birangwamwo ubwicanyi burenze bukorerwa abanyagihugu. Uwo ajewe agateka kazina muntu muri ONU yagiriza amakungu ko ataco ariko arakora kugira akinge ubwo bwicanyi. Agahamagarira ibihugu biri mu nama ijejwe umutekano ya ONU nk’ubu Russiya, ubu chinois na Leta zunze ubumwe za Amerika kutaza birabuzako hafatawa ingingo kurivyo bihugu birangwamwo ubwicanyi harimwo uburundi.

• Leta y’uburundi ibonako ivyo bishikirizwa nuyo ajejwe agateka kazina muntu biri murukurikirane rw’ivyo yagiye arashikiriza k’uburundi ko hagiye kuba ihonyabwoko. Kubwa Gaston Sindimwo icegera cambere c’umukuru w’igihugu ngo Zed Al Hussein ari mubakozi ba ONU batipfuriza ineza abanyagihugu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.