Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Amakuru y’Iwacu yo ku wa 28 Ruhuhuma umwaka w’2018

28/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Amakuru y’Iwacu yo ku wa 28 Ruhuhuma umwaka w’2018

• Inama nkuru ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomeramunwa iriyamiriza ivyashikirijwe n’umukuru w’igisata ca ONU kiraba ivy’agateka ka zinamuntu Zeid Ra’ad Al Hussein aho avuga ko Uburundi ari ibagiro ry’abantu. Mw’itangazo ryiwe ryo kur’uyu wa gatatu, Jean de Dieu Mutabazi arongoye Inama nkuru ijejwe gukinga ihonyabwoko amenyesha ko agateka ka zinamuntu kifashe neza mu Burundi. Asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutegeka Zeid Al Hussein kwisubirako kuri ayo majambo yashikirije hari kuri uyu wa mbere i Genève mu bu Suisse.

• Mu mugambwe Sahwanya Frodebu ho babonako ivyashikirijwe nuyo ajejwe ivy’agateka kazina muntu muri ONU ari ukuri. Léonce Ngendakumana icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu ngo simbeshere ko ihonyangwa ry’agateka kazina muntu rihari mu Burundi. Léonce Ngendakumana akavuga ko umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro uzosongera isibe mu bijanye no guhinyanyura ibwirizwa nshingiro.

• Inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa 3. Bimwe mu vyo bize, harimwo ibijanye nishirwaho ry’ itegeko riraba ibigwati vyo kwiteza imbere. Ikindi kiri mu vyizwe ni urwandiko rusigura integuro yo kwubaka ikigo cubatswe mu buryo bwa kijambere c’urwaruka.

• Aba kongomani bari bahungiye mu ntara ya Rumonge bahunze ingwano zari zimaze imisi zihuza abasirikare ba congo n’umurwi w’abarwanyi w’aba Mai Mai batanguye gusubira mugihugu cabo. Kuri uyu wa 3 abarenga ijana bagizwe n’abakenyezi n’abana nibo basubiye muturere bahunze bavamwo two muri Congo. Ariko hari bamwe murabo ba congomani bakivugako bafise ubwoba kumutekano wabo.

• Ihuriro ry’amashirahamwe aharanira agateka k’abana Fenadeb mu cirwa ryakoze ryatororokanije abana barenga amajana atanu bahora baba mw’ibarabara basubijwe mu mihana iwabo n’abashika 1250 bahungutse kuva hatanguye isekeza ryo gukura abana bose mw’ibarabara. Jean Polydor Ndayirorere, umuyobozi nshingwabikorwa muri Fenadeb avuga ko abo bana bigora ko basubira mu buzima busanzwe agasaba ko ico kibazo co gusubiza mu mihana abana bo mw’ibarabara co kwitabwaho na Reta kuva hasi gushika hejuru.

• Ubushikiranganji bujejwe umutekano bumenyesha ko abantu barenga 40 bapfuye, inzu zirenga ibihumbi 2 zirabomoka kuva mu ntango ry’irima ry’uwu mwaka, yatanguranye n’ukwezi kw’icenda kw’umwaka uheze . Umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano avuga ko ari zimwe mu nkurikizi z’ibiza biva kw’ihindagurika ry’ibihe. Commissaire de police Ntakavura Serges ahamagarira urwego rujejwe gukinga impanuka n’ibiza kwitararika gukingira ibidukikije. Ivyo akaba abishikirije mu gihe kw’igenekerezo rya 1 mbere ntwarante hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka n’ugutabara abashikiwe n’ibiza.

• Ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru CAF ryandikiye urwandiko abantu bose barabwa n’urukino ruherutse kuba rwahuje umurwi wo mu Burundi Lydia Ludic Burundi na Rayon sport wo mu gihugu c’Urwanda. Urwo rwandiko ngo rukaba rufise intumbero yo kugira amatohoza kubivugwa ko urwo rukino rwabayemwo ubusuma. Buca haba urwo rukino,bamwe mu ndongozi z’umurwi Rayon Sport ngo boba barabonywe mu cumba c’ihoteli c’umuhagarikizi agira kane w’urwo rukino .Mu nyuma zaho ngo haciye haba imishamirano hagati y’indongozi z’iyo mirwi

• Ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru CAF ngo ryaciye rifata ingingo yo gutanguza amatoza asaba ko abo bose bagirizwa boba bishuye ku birego bagirizwa bitarenze itariki ya 6 ukwezi kwa 3.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.