•Sentare ntahinyuzwa yarasohoye kuri uyu wa kabiri itangazo aho imenyesha ko hafashwe ingingo kugira ubutungane bugume bwagavye, buhashe budatevye, ikibiriraho ivyaha bishobora kwibonekeza muri ibi bihe vy’amatora y’ukwemeza canke guhakana ibwigizwa nshingiro. Umunyamabanga mukuru w’iyo sentare, Agnès Bangiricenge agasaba abajejwe (…)
Harumugabo yafashwe , umupfasoni wiwe nawe arazwa mugasho muri komine mpanda intara ya bubanza n’uwurongoye iperereza muri yo ntara ya .Fabien Banciryanino umushingamateka yatowe mu ntara ya bubanza yemezako Barakamfitiye jean Berchimas yafashwe asabwa inkoho atanumutahe bamweretse kumusi wa gatatu.uyo (…)
– Inama nshingamateka yemeje kuruyu wa 3 integuro y’itegeko risubiramwo amategeko mpanavyaha code de procédures pénale. Mu ngingo nshansha ziri mu nteguro y’iryo tegeko harimwo ko abajejwe umutekano bazoshobora gukora isakwa mu masaha y’ijoro ku muntu baketseko icaha gikomeye, ikindi (…)
• Birategekanijwe ko kuva kwigenekerezo rya 10 kugera kurya 14 ndamukiza hazoza hano i bujumbura intumwa z’umufasha mu biganiro hagati y’abarundi. Amakuru dufise yo kwizera nuko inyuma y’urwo rugendo bitegekanijwe ko aberwa n’ibiganiro hagati y’abarundi bazoca bahurira i kampala muri (…)
• Umumenyeshamakuru Judith Basutama akorera iradio y’abongereza BBC yarengutse kuri uyu wa 3 imbere y’umushikirizamanza wa sentare nkuru ya commune Mukaza iri hano mugisagara ca Bujumbura. Uyo mumenyeshamakuru yabajijwe kubijanye n’inkuru yashikirije kuri iyo radio. Eric Ntibandetse umushingwamanza aburanira uyo (…)
Abantu 6 bapfuye, 2 barakomereka bahitwanye n’umusozi wabaguyeko ku kiraro c’uruzi Gasenyi hafi yahariko harubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu muri komine mutimbuzi intara ya bujumbura. Abasanzwe bakorera aho habaye iryo sanganya bakavuga vyoba vyavuye ku mvura nyinshi yaraye iguye mwijoro ryo (…)
Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe gutohoza ibijanye n’agateka kazina muntu ku burundi wemezako hacibonekeza ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka kazina muntu mu Burundi. Uwo murwi wabishikirije mu nama ya ONU ijejwe agateka kazina muntu imaze imisi iriko irabera i Génève. Doudou Diène (…)
INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 9 NTWARANTE 2018: Hari umugabo azwi kw’izina rya Evariste Minani apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi i ngozi yagirizwa gushurashuza abana biwe 4, Barakamfitiye Elias atwara abayoboke bumushingamateka Agathon Rwasa kumutumba wa MUKERWA muri komine busoni intara ya kirundo ngo yarakubiswe arashaya n’urwaruka bivugwako ari imbonerakure zo kuruyo mutumba
Abanyepolitique 6 bari mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi CNARED bari kubonana n’umuhuza mubiganiro vyabarundi benjamin william mkapa mu gihugu ca tanzaniya.amakuru ava aho murico gihugu muvyo bavuganye ngo harimwo kwiga uko ibiganiro vyobandanya hamwe rero n’ibijanye n’ibwirizwa shingiro ryimirije (…)
Ishiraharahamwe riraharanira agateka ka zina muntu Amnesty international risaba abategetsi b’Uburundi kurekura abapfungwa bazira ivyiyumviro vyabo. Ridoma urutoke ku mu kuru w’ishirahamwe Njabutsa tujane Germain Rukuki, uwahora ari ijosho ry’ishirahamwe Aprodh hamwe n’abanywanyi batatu b’ishirahamwe Parcem bapfungiwe mu ntara ya (…)
• umumenyeshamakuru akorera radio isanganiro mu ntara ya ruyigi yabujijwe gukorera mu riyo ntara na buramatari abdallah hassan..jean claude nshimirimana yarengutse mu gatondo ko kuruyu wa gatatu mu biro vya buramatari w’intara ya ruyigi yahamagajwe kubera inkuru yakoze kuruyu wa (…)
• Bamwe mu barongoye Imigambwe hamwe nabo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique babonako imirwi iriko irategura amatora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ku rwego rw’ama commune CECI itariko ikora yigenga. Bagiriza abajejwe intwaro ko bivanga mu kazi kiyo mirwi. (…)