Mardi 23 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 2 Ruhuhuma 2018

02/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 2 Ruhuhuma 2018

• Bamwe mu barongoye Imigambwe hamwe nabo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique babonako imirwi iriko irategura amatora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ku rwego rw’ama commune CECI itariko ikora yigenga. Bagiriza abajejwe intwaro ko bivanga mu kazi kiyo mirwi. Ivyo babishikirije mu nama yahuje umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI n’abanyamigambwe,abo mu mashirahamwe yigenga cokimwe nabanyamashengero nabarongoye ibimenyeshamakuru kuruyu wa 5

• Ngo naho muburundi hagiye haribonekeza abacanishamwo abantu gushika naho hari abahasize ubuzima ngo harabayeho abarundi bumutima batakurikiye abo babigisha amacakubiri.ivyo nivyavuzwe na musenyeri jean Louis Nahimana yararongoye inama yahuje abanyamigambwe , abaserukira amadini kuruno wa gatanu.hari munama yari yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru wabarundi

• Umushikiranganji w’ikigega ca leta aremeza ko bagize ingorane zijanye n ’uburyo ngo baduze ubutunzi bw’igihugu mur uyu mwaka urangiye wi 2017. Domitien Ndihokubwayo amenyesha ariko ko yizeye ko ubutunzi buzokwisununura mur’uyu mwaka kubera umwimbu w’ibifungurwa wiyongereye, ngo n’amahera y’agaciro nayo nyene azokokwiyongera.ivyo akaba yabishikirije kuruno wa gatanu igihe yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mwaka wa 2017

• Abanyagihugu baba ku Buterere ahegereye ikibanza giseswamwo imyanda iva mu ca Bujumbura baritabariza bavuga yuko iyo myanda igeramiye amagara yabo. Babazwa n’uko n’ibarabara ryahora rihaca ritakirengana. Basaba abategetsi kubakuriraho iryo yarara. Umukuru w’igisagara ca Freddy Mbonimpa we vuga ko riri mu kibanza ca Reta kandi ko abahaba bahaba badakurikije amategeko

• imisi itatu iraheze atampunzi ije ubushasha kukivuko ca rumonge ihunga ingwano zihuza abamayimayi nabasirikare bigihugu ca congo.ariko amakuru ava murikongo ngo ingwano zasubiye kwaduka mugatondo ko kuruyu wa gatanu.kuva rero izo ndwano zitanguye ubuzima busa nubwahagaze kurico kivuko kandi ngo hari n’ibidandazwa vyatanguye kuduga aha tukavuga nk’amavuta y’amamesa, ubududu, ifi hamwe n’ibindi

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.