Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 25 NDAMUKIZA 2018

25/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 25 NDAMUKIZA 2018

•Sentare ntahinyuzwa yarasohoye kuri uyu wa kabiri itangazo aho imenyesha ko hafashwe ingingo kugira ubutungane bugume bwagavye, buhashe budatevye, ikibiriraho ivyaha bishobora kwibonekeza muri ibi bihe vy’amatora y’ukwemeza canke guhakana ibwigizwa nshingiro. Umunyamabanga mukuru w’iyo sentare, Agnès Bangiricenge agasaba abajejwe ama sentare yose ari mu gihugu hamwe n’ama parquet gutegekanya abakozi bose bashoboka, bashobora gukora umwanya uwariwo wose, ariyo bita système de permanence pénale mu rurimi rw’igifaransa.

Mu mugambwe Uprona barashima iyo ngingo kuko ngo inkozi z’ibibi zikunda kwibonekeza mu bihe vy’amatora. Abel Gashatsi, arongoye uwo mugambwe akavuga ko vyumvikana ko inzengo z’ubutungane zitegerezwa kurikanura kugira amatora agende neza. Agasaba ariko ko amategeko yokwubahirizwa atawe bahengamiyeko.
Mu mugambwe Sahwanya Frodebu hoho babona ko ingingo zafashwe na sentare ntahinyuzwa ari iterabwoba ku banyagihugu n’imigambwe. Léonce Ngendakumana akavuga ko ubutungane bugaragaje ko butigenga. Agasaba ubwo butungane kwisubirako mu kwandika irindi tangazo ryo guhumuriza abanyagihugu.

•Igihugu c’Uburundi kiza mu kibanza c’159 mu kwubahiriza uburenganzira bwo kumenyesha amakuru, kikaba ica nyuma mu kwubahiriza ubwo burenganzira mu muryango w’akarere ka Africa y’Ubuseruko. Ivyo bikaba biboneka ku rutonde rwashizwe ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu rihanira iyubahirizwa ry’ubwingenge bwo kumenyesha amakuru Reporters sans frontières kuri uyu wa gatatu .

•Kuruyu wa 3 n’umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingwara ya malariya. Uyu musi ugeze mu gihe mu Burundi abantu bagera ku bice 68 kw’ijana vy’abivuriza mu mavuriro mato mato baba barwaye malariya nkuko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu. Iryo tangazo rinavugako uyu musi ugeze mu gihe ibice bigera kuri 55 kw’ijana vy’abana bivuza baba barwaye malariya. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bukaba bwiyemeje ko bugiye gukora ibishoboka mu gukingira abana bari musi y’imyaka 5 hamwe n’abakenyezi bibungeze mu ntumbero yo kwifatanya n’amakungu mu mugambi wo gutuza malariya kugera mu 2030.

•Umukuru w’inama y’abashingamateka n’abakenguzamateka y’ibihugu biri mu muryango wa Afrika Roger Nkodo Dang asaba uburundi ko bwomushigikira mu kwitoza mu matora yo gutora uwurongora iyo nama nshingamateka na nkenguzamateka yimirije. Yabishikirije kuruyu wa 3 mu mubonano yagiranye n’umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi Pasacal Nyabenda mu rugendo amazemwo imisi hano mu burundi kuva kuruyu wa 2. Alexis Badian Ndayihimbanze avugira inama nshingamateka akavugako umukuru w’inama nshingamateka yamwishuye ko uburundi bugiye kwihweza ivyo yasavye kuko ngo hari n’abandi mu bazokwitoza murayo matora bituye uburundi babusabako bwobashigikira.
Mu bazohiganwa murayo matora y’uwuzorongora inama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika harimwo uwo asanzwe ayirongoye ubu kuva mu mwaka wa 2015, aho agiye kurangiza ikiringo ciwe c’imyaka 3 ariko akaba yemerewe gusubira kwitoza. Roger Nkodo Dang akaba ari umunya cameroun, abandi bazohiganwa akaba ari umu nya zimbabwe hamwe n’umunya Misiri.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.