Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 21 Ntwarante umwaka w ‘2018

21/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 21 Ntwarante umwaka w ‘2018

• Umumenyeshamakuru Judith Basutama akorera iradio y’abongereza BBC yarengutse kuri uyu wa 3 imbere y’umushikirizamanza wa sentare nkuru ya commune Mukaza iri hano mugisagara ca Bujumbura. Uyo mumenyeshamakuru yabajijwe kubijanye n’inkuru yashikirije kuri iyo radio. Eric Ntibandetse umushingwamanza aburanira uyo mumenyeshamakuru avugako umushikirizamanza yababwiye ko idosiye ibandanya yirwa bakaba bazosubira bakamurengutsa. Eric

• Tubamenyeshe ko inkuru uyo mumenyeshamakuru yabajijweko yoba ijanye n’ingingo yafaswe n’urwego rukuru rw’umugambwe uri ku butegetsi Cnddfdd yogushira ku rwego rw’imboneza y’uwo mugambwe, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

• Ibihugu 44 kuri 55 bigize ubumwe bwa Africa vyemeje amasezerano yo guhana ibidandazwa ku mugabane wa Africa. Hari mu nama yariko irahuza abakuru b’ibihugu bawo kuri uyu wa gatatu i Kigali mu gihugu c’Urwanda. Mu kamenya yuko Uburundi butitavye iyo nama ku mvo z’umutekano w’intumwa zabwo.

• Abipfuza kuzohagarikira imyiyamamazo n’amatora basabwa gutangura gusaba impusha zibarekurira kurangura ico gikorwa kuva kw’itariki ya 15 gushika kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018. Umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, CENI ukaba wabimenyesheje kur ‘uyu wa kabiri mu nama bagiranye n’abashingamateka, abakenguzamateka, imigambwe, amashirahamwe yigenga n’amadini. Umugwi CENI ugasaba abanyamigambwe n’amashirahamwe yigenga kwitegura neza ngo baze bacungere imyiyamamazo n’amatora bakwije ivyangombwa.

• Ubuyobozi bujejwe inyigisho muntara ya Rumonge bwemezako abanyeshure barenga ibihumbi 2800 bahevye amashuri kuva umwaka w’ishure wa 2017 ushira uwa 2018 utanguye. Mu bituma abo banyeshure baheba ishure kubwinshi ngo harimwo ko bahitamwo kuja kurondera ubuzi butobuto bubabeshaho hamwe nuko abigeme batwara imbanyi z’ishushu. Amashirahamwe yitaho agateka kabana aho mu rumonge asabako hobaho isekeza ryoguhimiriza abana kudata ishure.

• Imirayiridi zirenga 8 z’amafaranga y’amarundi ngo niyo nyungu Leta yaronse bivuye ku gikorwa co gukwiragiza abigisha mu gihugu cose(redeploiement). Ivyo nivyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi kuruyu wa 3 mu gihe yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka. Aho bamwe muribo bashikirije amakenga afatiye ku kugene ico gikorwa co gukwiragiza abigisha cagenze.

• Bamwe mu ndongozi ziri mu runani rw’abatavugarumwe n’ubutegetsi bari mu buhungiro Cnared basaba umukuru warwo Jean Minani gutumako inama y’urwego nshingwabikorwa vyihuta. Mu rwandi bamwandikiye ku wa 18 Ntwarante bamubwira yuko atigeze yerekana ugusha gutumako Inama nk’uko itegeko rigenga Cnared ribitegekanya. Bikaba ngo biri uko mu gihe abagize urwo runani bagumye babimusaba bongera babimwibutsa. Bamwe muri izo ndongezi zandikiye umukuru wa Cnared ni , Frederic Bamvuginyumvira umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu, Charles Nditije na chauvino Mugwengezo. Bose hamwe bashika kw’icenda.

• Kuruyu wa 3 n’umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikumirana rifatiye kubwoko no kurukoba. Mw’ishirahamwe Mpuzabatwa UNIPROBA rya hano mu Burundi barashima ko muri kino gihe ibijanye no gukumira abanyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa biriko birahera mubijanye n’imibano. Emmanuel Nengo aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UNIPROBA afatirako ngo ubu abana babatwa bashobora kuja mw’ishura bakanaja kwivuza. Ariko aranegurako mu mategeko ashirwaho y’igihugu abatwa badahabwa ikibanza kibereye. Uwo arongoye Uniproba agafatira ko ngo ibwirizwanshingiro atakibanza kibereye riha abatwa.

• Uraganda ’’Bantu Bwoy’’ rwashinzwe n’umuririmvyi rurangiranwa Désiré Mugani batazira Big Fizzo, niho rwatanguzwa icese kuri uno wa gatatu . Iruhande y’uguhinyanyura indirimbo n’amasanamu bijanye, hamwe n’ubutunganya ibiteramo, urwo ruganda rwariyemeje guteza imbere abacuraranzi b’abarundi. Kubw’uwo muririmvyi Fizzo ngo urwo ruganda ’’Bantu Bwoy’’ ruzobafasha abacuraranzi b’Uburundi runabafate mu mugongo kugirango nabo nyene batere imbere. Uwo muririmvyi asaba abamenyeshamakuru baraba ibijanye n’akaranga ko boteza imebere abacuraranzi b’abarundi, hagushira imbere indirimbo zo hanze na canecane izo mu bihugu bibanyi. Ngo uri muri kano karere si kenshi ku maradiyo wumva bavugije indirimbo z’i Burundi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.