Mardi 23 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 7 ruhuhuma 2018

07/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 7 ruhuhuma 2018

• umumenyeshamakuru akorera radio isanganiro mu ntara ya ruyigi yabujijwe gukorera mu riyo ntara na buramatari abdallah hassan..jean claude nshimirimana yarengutse mu gatondo ko kuruyu wa gatatu mu biro vya buramatari w’intara ya ruyigi yahamagajwe kubera inkuru yakoze kuruyu wa kabiri ijanye n’amafaranga ariko atangishwa abigisha bo muriyo ntara ngo nayo guterera amatora yo 2020 yiyongera kuyakatwa kumishara yabo.inyuma yo kwisigura imbere ya buramatari hassan abudallah arikumwe n’umugenduzi w’indero muriyo ntara , umuyobozi w’indero mu ntara ya ruyugi hamwe n’uwutwara urwego rw’iperereza muriyo ntara ; uwo mumenyeshamakuru yahawe itegeko nuwo mutware ko ato hirahira ngo asubire kumwumva yatanze inkuru nimwe ivugwa mu ntara arongoye. Jean claude nshimirimana akaba yagirijwe gushaka Gusambura intara ya ruyigi.

• Hari imisore 2 yaraye ihagaritswe n’abajejwe umutekano kumusozi mukara zone nyagasasa , komine mugamba mu ntara ya bururi.amakuru dukura aho inyagasasa yemezako philbert Ninganza n’umugenzi wiwe basanzwe biga kuri kaminuza y’itiriwe ibiyaga binini bahagaritswe n’abasirikare bacungera colonel gafuni babanje gufwatwa n’imisore bivugwa ko ari imbonerakure.amakuru ava mu muryango yabo akemazako bari bagiye aho inyagasasa mukaruhuko kuko bari bahejeje ibibazo bita 2 ème session mururimi rwigifaransanaho batazi ico ababo bagirizwa. Musitanteri wa komine mugamba Anicet Niyonzima aremeza iryo fatwa ariko akamenyeshako atavyinshi abiziko kuko iyo misore ngwifungiwe muri brigade ngo ntavyinshi arabimenyako.

• Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi yemezako amafaranga y’agashiruka bute y’abasirikare bagiye gufasha kugarukana umutekano mugihugu ca Centre Afrique yamaze kuboneka. Gaspard Baratuza ivyo abivuze inyuma yaho hari amakuru yavugako abo basirikare bamaze amezi 10 badahabwa ako gashiruka bute. Nayo kumakuru avugako umusirikare wese akatwa amafaranga y’abanyabulaya agera ku ma dollars 700, Gaspard Baratuza avugako atangingo nimwe ifatirwa umusirikare hatabanje kubaho ukwumvikana.

• Ishirahamwe mpzamakungu ryitaho impunzi HCR rihamagarira abagira neza gutanga uburyo bwogufasha impunzi z’abarundi ziri mu ma kambi atandukanye. Iryo shirahamwe rikavugako rikeneye uburyo bungana n’amafaranga y’abanyamerika imilioni 391kugirango rishobore gufasha izo mpunzi. HCR rinasaba amakungu ko yokora ibishoboka kugira atore inyishu kubibazo biri mu burundi kuko ngo atagikozwe ibitigiri vy’impunzi z’abarundi bishobora kwiyongera kuko uyu mwaka ngo hashobora guhunga abagera ku bihumbi 50
reta y’uburundi ibonako ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’impunzi HCR riguma riduza ibitigiri vyabarundi bahunga.thérence ntahiraja avugira ubushikiranganji bwintwaro yo hagati mu gihugu avugako bidatahuritse kubona iryo shirahamwe ryirengagiza ibitigiri bigera kubihumbi 200 vyabarundibamaze guhunguka.uwo avugira ubwo bushikiranganji akibaza ukuntu iryo shirahamwe rizi ingene ko hari ibihumbi 50 vyabarundi bazohunga muruno mwaka

• Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire nabasesagura amatungo ya Leta rihamagarira umushikiranganji ajejwe ivyo gutwara abantu n’ibintu ko yofata mu minwe ibijanye n’itunganywa ry’ishirahamwe SOBUGEA rijejwe gutunganya ibikorwa ku kibuga c’indege. Gabriel Rufyiri mw’ikete yarungikiye uwo mushikiranganji afatira kubijanye nuko ngo abakozi bakora muriryo shirahamwe bategetswe gusubiza uturusho bari bahawe dusanzwe duhambwa abakozi kumpera z’umwaka. Gabriel Rufyiri akabonako ari akarenganyo

Mu buyobozi bw’ishirahamwe SOBUGEA basigurako ingingo yokwaka abakozi uturusho ari ingingo yafashwe na Leta. Bakemezako itaraba ishirahamwe SOBUGEA gusa ahubwo iraba amashirahamwe yose ya Leta.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.