21/12/2017
Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 21 kigarama 2017
• Leta y’uburundi yarafashe ingingo yokuzokwugara ubuserukizi bwayo mu gihugu ca Norvège mu mwaka uza wa 2018. Ambassadeur Bernard Ntahiraja umwunganirizi w’umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu yemezako iyo ngingo yafashwe muntumbero yogutunganya gushasha ibijanye n’imigenderanire y’uburundi n’ibindi bihugu. Kubwa Bernard Ntahiraja ngo imigenderanire y’uburundi na Norvège izoguma yifashe neza kandi n’abarundi baba murico gihugu ntakizobuzako […]