Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 14 kigarama 2017

14/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 14 kigarama 2017

• Abantu babiri bishwe barashwe n’igipolisi abandi batatu barahagarikwa ni mugihe igipolisi ngo cari kigiye gusaka ku mihana yo kumutumba wa mpishi hakekwa inkoho y’umupolisi yishwe acunze kuri poste ya komine Musigati . Musitanteri wa komine Musigati yemeza ko abo bapfuye aribo batanguye kurasa igipolisi . Jean Bosco Nduwimana akavuga ko nabafashwe boba bakorana nabo bagizi ba nabi . Asaba abanyagaihugu b’i Musigati gutanga amakuru yabantu biketse ko ubugizi bwa nabi

• Mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishashasha, umukuru w’igihugu azotorerwa ikiringo c’imyaka indwi. Reta izoba igizwe n’umushikiranganji wa mbere n’abandi Abashingamateka bazoshobora kwemeza itegeko mu gihe ica kabiri c’abashingamateka baritoye.

• Bamwe mu bashingamateka baratewe impungenge n’intererano yogutegura amatora yo mu 2020, nkuko biri mw’itegeko nshikiranganji. Mu gihe bariko bariga integuro y’amahera leta izokoresha mu 2018, bamwe mu bashingamateka bakaba babajije umushikiranganji w’ikigega ca leta ingene amahera agenewe amatora angana, abandi nabo bakabona ko leta yoba irabangira mu gushira mu ngiro iyo ngingo kuko iremereza abanyagihugu. Umushikiranganji naw akavuga ko ata gahato kazojamwo mugutoza amahera y’amatora yo 2020

• Inama nshingamateka yize integuro yitegeko rigenga abagendana ubumuga kuruno wakane. umushikiranganji maritino nivyabandi ajejwe ivyagateka kazinamuntu yari yagiye gusigura iyo nteguro akaba yamenyeshejeko ari ikibazo gikomeye kandi ko hari umugambi woguhana abavyeyi bafata nabi abana bagendana ubumuga.abashingamateka bakaba bashikirije amakenga ajanye nuko abo bantu bakingiwe n’uko bafatwa haba mukibano canke mumashure

• Intumwa idasanzwe y umunyamabanga wishirahamwe mpuezamakungu ONU ku burundi Michel Kafando ari mu gihugu c’uburundi kuva kur’uyu wa 2 . Inkuru ziva mu begereye iyo ntumwa zimenyesha ko yaje kubonana n’abatandukanye mu ndongozi z’igihugu kur’uyu wa gatatu bakaba babonanye numshikiraganji w’imigenderanire w’uburundi nayandi amakungu aho bavuganye kubijanye n’amasezerano agenga akazi kiwe mu burundi . Abegereye kafando bamenyesha ko ashobora kurangiza urugendo rwiwe kur’uyu wa gatanu .

• Umurwi ujejwe gutegura inama igira 20 y’umuryango wa Comesa washitse mu Burundi kuruyu wa 4. Abari muruwo murwi bemezako iyo nama izobera mu Burundi mu ntango z’umwaka w’2018. Ivyemezwa kandi nabajejwe gutegura iyo nama ku ruhande rw’uburundi. Ivyo bikaba bishitse inyuma yaho hari itangazo ryari ryasohowe rimenyesha ko Uburundi budashoboye kwakira inama nkiyo.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.