INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 04 RUSAMA 2018
• Iradiyo mpuzamazamakungu y’Abongereza BBC n’iy’Abanyamerika VOA zigiye kumara amezi atandatu zidasamiranira mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya ndwi Rusama. Urwego rw’igihugu rukirikirana imiromo y’ibimenyeshamakuru CNC rwafashe iyo ngingo, mu vyo ruyagiriza harimwo kudakurikiza amategeko yo kumenyesha amakuru. CNC iragiriza BBC gukoresha ibiganiro bicanishamwo Abarundi, Ikarega Radio ijwi ry’Amerika gutanga inkuru ku mbuga ngurukana bumenyi z’amaradiyo […]