Mercredi 08 mai 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 01 RUSAMA 2018

01/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 01 RUSAMA 2018

• Kuruyu wa 2 niho hatanguye ukwiyamaza kubanya politique mubijanye n’amatora yimirije kw’igenekerezo rya 17 kuno kwezi twatanguye yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Muriyo myiyamamao yatanguye abanya politique bakaba bemerewe kuzokwigisha abanyagihugu kuzotora ego canke oya murayo matora. Imigambwe 26 hamwe n’urunani rmwe rw’abigenga akaba aribo biyandikishije mu murwi CENI kugirago baje muriyo myiyamamazo. Nkuko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu iyo myiyamamazo izorangira kw’igenekerezo rya 14 kuno kwezi. Ikazotangura isaha 12 z’agatondo irangire isaha 12 z’umugoroba. Bikaba bibujijwe ko ikorerwa mu mashure hamwe nahariko harakorerwa ubuzi.

• Kuruyu wa 2 abarundi bifadikanije n’amakungu muguhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Hano mu Burundi uwo musi wahimbajwe ku rwego rw’igihugu mu ntara ya Rutana. Ibirri bikaba vyari birongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Umukuru w’igihugu akaba yahaye ubushimwe abantu bamwe bamwe avugako bakoze neza gusumba abandi.Mubashimiwe hakaba harimwo umuhagarikizi mpuzamakungu mumupira w’amaguru Jean Claude Birumushahu yatwe kuzohagarrarira inkino zoguhiganirwa igikombe c’isi yose zizobera mu burussiya. Yanashimiye n’inzego zitandukanye z’igihugu nk’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ubujejwe umutekano. No muntara ya Rumonge mubirori vyoguhimbaza uyo musi Bulamatari w’iyo ntara yahaye ubushimwe abantu bagera kuri 10 avugako bafashije guteza imbere iyo ntara. Muribo hakaba harimwo uwurongoye igisata c’indero muri commune ya Buyengero hamwe n’abakenyezi basanzwe bakora ibikorwa vy’isuku mugisagara ca rumonge.

Bamwe mu rwaruka rwahano mugisagara ca Bujumbura bavugako barajwe ishinga n’ikibazo c’ubukene bw’akazi k’urwaruka ruba rwahejeje amashure. Abo baganiriye n’uruganda rw’amakuru y’Iwacu bahamagarira leta gushiraho politique yokurwanya ikibazo c’ubukene bw’akazi k’urwaruka kuko arirwo burundi bw’ejo

Nayo bamwe mubikorera utwabo mugukora imyuga mitomito mugisagara ca Gitega, bavugako uyu musi wahariwe abakozi n’akazi ushitse mugihe bugarijwe n’ubukene. Bakavugako kubera ubukene bw’akazi buri mugihugu bahitamwo gukora ubuzi butuma badashabora gutunga imiryango yabo neza. Mw’ishirahamwe Parcem ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro kugira bashike kwiterambere rirama bemeza ko hafi ibice 65.5% vy’urwaruka ruri mubisagara nirwo rudafise akazi. Mugihugu hagati, ibice 55.2% vy’urwaruka nahonyene ntakazi rugira. Parcem rifatira kubiharuro biri mu cirwa rivugako cakozwe n’ishirahamwe riraba ivy’urwaruka .Kubwa Parcem ngo ivyo biharuro biraraje ishinga. Faustin Ndikumana arongoye Parcem abonako Leta yari ikwiye guha ingunvu amashirahamwe ya leta kugira yisununure aheze atange ubuzi.

Umukuru w’igihugu c’uburundi yemezako Leta irajwe ishinga n’ikibazo c’ubukene bw’akazi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabishikirije mw’ijambo yaraye ashikirije Abarundi rijanye n’umunsi wahariwe abakozi n’akazi. Akaba yemejeko ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bwarahaye akazi abantu bashika 2500, ubw’ibikorwa vya Reta bwatanze ubuzi ku bantu 5000, abashika 1000 nabo bararonkejewe akazi mu bikorwa vyo gutunganya inzunzi zica mu gisagara ca Bujumbura mu mezi 17 aheze.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.