Jeudi 18 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 03 RUSAMA 2018

03/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 03 RUSAMA 2018

• Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ubona ko integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha niyemezwa bizotuma ico uwo mugambwe wita akajagari kari mu ntwaro gahera. Uwo mugambwe wabishikirije kuri uyu wa 4 uriko urigisha abanyagihugu bo muri commune gisuru intara ya Ruyigi kuzokwemeza iyo nteguro mu matora yimirije. Uwo mugambwe ukaba ufatira ku bijanye n’ingene kare hahora hashingwa Leta aho ibwirizwa nshingiro ryari rihasanzwe ryemera ko abatatsinze amatora baja muri Leta.

• Umugambwe Sahwanya Frodebu uhamagarira Abarundi n’inziraguhemuka zose gutora Oya mw’itora ry’ibwirizwa shingiro ritegekanijwe ku wa 17 Rusama. Ku bw’uwo mugambwe wavuyemwo incungu y’Uburundi na Demokarasi, ngo gutora « Oya » nibwo buryo bwo gukingira amasazerano y’i Arusha. Ikindi ngo integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha irimwo ingingo zikumiravyongeye ngo ryemewe rizotuma haba ukudahana mu gihugu,

• Léonce Ngendakumana icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu

• Abantu bakekwa kunyuruza no gukubagura abantu muri zone ya Kizuka bararungiwe imitahe n’igiporisi baranka kwitaba. Mu giporisi bamenyesha yuko bagiye kubarungikira iyindi. Rumwe mu Rwaruka rw’imbonerakure nirwo rutungwa agatoke yamara uwurongoye urwo rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi avyamairira kure. Ni mu gihe imiryango y’abakorewe ayo mabi isaba ubutungane gukora

• Amahangare arenga igihumbi n’amajana atandatu, ibindi bintu bitari bike vyarononywe n’imvura nyinshi ivanze n’umuyaga yaguye kuri uyu wa gatatu mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi iri Lusenda mu bumanuko bwa Kivu muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Emanuel Ntirampeba arongoye izo mpunzi amenyesha ko ubu hari abanyagihugu babayeho nabi kandi ko atanuwuraza kubagarukirako,

• Ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru burahakana ikibanza Uburundi bushirwamwo n’isharahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira Reporter sans Frontière. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Jérome Ndikuriyo amenyesha mbere yuko umutakano w’abamenyeshamakuru ukwiye co kimwe n’uwabandi bameneshamakuru bose. Yabishikirije mu gihe kuri uyu wa gatatu Ndamukiza ari umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru.

• Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe rikaba rishira Uburundi mu kibanza c’159 mu ku bahiriza uburenganzira bwo kumenyesha amakuru. Aho ni ku bihugu 180. Mu karere ka Africa y’ubuseruko ni ubwa nyuma.

• Urwego rukuru rw’abahinga b’imiti mu burundi(ordre des pharmaciens) rumenyesha ko ubukene bw’amafaranga y’agaciro ari kimwe mu bituma imiti bita ama specialités idakunda kuboneka ku bwinshi mu gihugu. Désiré Bizimana arongoye urwo rwego avuga ko baca bashira imbere kuzana mu gihugu imiti ikwije ibisabwa. Akaba yabivugiye mu nama y’abahinga b’imiti bafadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira bigire hamwe ibibazo bihanze ico gisata c’abahinga b’imiti(pharmacien).

• Imigwi y’umupira w’amaguru mu Burundi izokina inkino z’igice ca kane gishira icanyuma yaramenyekanye ukwo izohura mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu .Ivyo bibaye inyuma y’aho kuri uyu wa gatatu umugwi wa messager Ngozi utsindiwe na olympic star igitsindo kimwe ku busa

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.