Dimanche 04 mai 2025

Christine Kamikazi

12/04/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 12 NDAMUKIZA 2018

• Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rigenga amasezerano y’iyinjira ry’Uburundi mw’ibanki y’Afrika yitwa AFREXIM BANK. Umushikiranganji w’ikigega ca leta avuga ko ubutunzi bw’igihugu buziyongera mu gihe Uburundi bwokwinjira mur’ iyo banki. Kuko ngo muvyo uburundi buzohungukira harimwo kuronka ingurane vyoroshe (…)

10/04/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 10 NDAMUKIZA 2018

• Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryemezako rigiye gukora ibishoboka kugirango rifashe ko hobaho inama ihuza Leta y’uburundi, iy’urwanda hamwe niryo shirahamwe kubijanye n’ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda. Filippo Grandi ajejwe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR yabishikirije (…)

03/04/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 3 NDAMUKIZA 2018

• Umugwi ujejwe gutegura amatora CENI wamanitse guhera kur’uyu wa kabiri intonde mfatakibanza z’abiyandikishije ngo bazoje mu matora y’ibwirizwanshingiro n’amatora yo mu 2020. Aha mu gisagara ca Bujumbura aho twaciye mu bibanza biyandikishirijemwo, abantu bari bake bariko baraza kuraba ko (…)

30/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 30 NTWARANTE 2018

• Uwurongoye umugambwe Ranac Aloys Baricako yarengukijwe kuruyu wa 5 mu rwego rw’ipereza hano i bujumbura . Akaba yumvirijwe mururwo rwego mu kiringo c’amasaha ashika 6. Georges Nikiza avugira umugambwe Ranac akavugako uwo arongoye uyo mugambwe ku rwego rw’igihugu yabajijwe (…)

IWACU

27/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 27 NTWARANTE 2018

• Umukuru w’umugambwe ranac , Aloys Baricako yarahagaritswe n’igipolisi mugisagara ca gitega kumugoroba wo kuruyu mbere .Amakuru ava aho igitega akemezako yahagaritswe arikumwe n’umunywanyi w’umugambwe CDP Pierre Kugirwa. Georges nikiza umuvugizi w’u mugambwe RANAC aremezakoUmukuru w’yo mugambwe yahagaritswe , akavugako (…)

22/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 NTWARANTE 2018

• Kuruyu wa 4 amezi 20 araheze atawuzi irengero rya Mugenzi wacu Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana yabuzwe irengero igenekerezo rya 22 ukwezi kwa mukakaro mu mwaka wa 2016. Abamubnye ubwanyuma bavugako bamubonye muri zone Bugarama mu ntara (…)

20/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 20 NTWARANTE

• Umumenyeshamakuru akorera iradio y’abongereza BBC yarengukijwe muri sentare ikukira commune Mukaza. Nkuko biri kumutahe wokumurengutsa azorenguka muriyo sentare kuruyu wa 3 ejo aho bukera. Uwo mutahe ukavugako arengukijwe kugirango kugirango Dossier yiwe yigwe, ariko uwo mutahe ntuvuga neza iyo (…)

15/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 NTWARANTE 2018

• Ubushiringanji bw’intwaro yo mu gihugu hagati bwasohoye itegeko ritunganya ibijanye n’ubunywero burimwo ubutambiro bukora amasaha y’ijoro, hamwe n’ibijanye n’ amasengesho akorwa mu masaha y’ijoro. Bimwe mubigize iryo tegeko nuko kuva ubu amazu y’ubutambiro asohora amajwi abujijwe, ibisabisho biba mu (…)

13/03/2018

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 13 NTWARANTE 2018

• Umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD wemezako umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza afise ivyiyumviro uwo mugambwe uzogenderako imyaka yose. Evariste Ndayishimiye umunyamabanga mukuru wuyo mugambwe agasigurako arico gituma umugambwe CNDD-FDD wafashe ingingo yo kumuduza ku rwego rw’imboneza muruyo mugambwe. Evariste Ndayishimiye avuga (…)

11/02/2018

11 blessées dans une attaque à la grenade à Bujumbura

L’attaque a eu lieu dans le quartier Kinanira II dans la zone Musaga au sud de la capitale Bujumbura dans la nuit de ce samedi 10 février. Les victimes étaient dans un débit de vin de banane situé dans la (…)