Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 20 NTWARANTE

20/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 20 NTWARANTE

• Umumenyeshamakuru akorera iradio y’abongereza BBC yarengukijwe muri sentare ikukira commune Mukaza. Nkuko biri kumutahe wokumurengutsa azorenguka muriyo sentare kuruyu wa 3 ejo aho bukera. Uwo mutahe ukavugako arengukijwe kugirango kugirango Dossier yiwe yigwe, ariko uwo mutahe ntuvuga neza iyo dossier iyariyo.

• Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyemezako leta y’uburundi itazokwitaba inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika itegekanijwe kuruyu wa 3 i kigali mu gihugu c’Urwanda. Nkuko biri mw’ikete ryo kuwa 13 ntwarante ibiro vy’umukuru w’igihugu c’uburundi vyarungikiye uwurongoye umurwi w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika. Iryo kete rikaba rivugako Leta y’uburundi idashobora kurungika abayiserukira muriyo nama kumvo z’umutekano wabo. Ibiro vy’umukuru w’igihugu bigasigurako bitizeye umutekano waho mu rwanda kuko ngo ico gihugu kirimwo abatari bake mubashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 hamwe ngo n’imirwi yabakora iterabwoba ngo bakoze ibara mu 2015. Ikindi naco ngo igihugu c’urwanda carahonyanze amasezerano mpuzamakungu mugufasha guha imyimenyerezo ya gisirikare no muguha ibirwanisho bamwe mumpunzi ziri murico gihugu harimwo ngo abana. Ivyo urwanda ngo rubikora amakungu arorera ntirufatirwe nibihano. Ibiro vy’umukuru w’igihugu bikaba binegurako Leta y’uburundi yitwariye Urwanda ariko iyo dossier ngo ikaba idatera intambwe.

• Mu mugambwe Sahwanya Frodebu nyakuri bemezako biteguriye kuzokwitaba akamo k’itegeko ry ‘umukuru w’igihugu ribahamagarira kuzoja kwiyandikisha kugirango bazoje kwigisha abanywanyi babo ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Kefa Nibizi Arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu nyakuri akabonako abanyagihugu aribo bazoca urubanza rwuko ibwirizwanshingiro rihinanyurwa canke ntirihinyanyurwe. No mumugambwe Sahwanya Frodebu baremezako bazoja kwiyandikisha mu murwi CENI kugirango bazoje kwigisha abanyagihugu ibijanye nayo matora. Léonce Ngendakumana icegera cuwurongoye Sahwanya Frodebu akavugako bategerezwa kuja gusigurira abanywanyi babo ko guhinyanyura ibwirizwa nshingiro ari uguhonyanga amasezerano y’i Arusha kandi ko bisubizainyuma umugambi w’amahoro igihugu cari kigezeko

• Mu runani Amizero y’abarundi ho bavugako batewe umutima uhagaze n’itotezwa bavugako ririko rikorerwa abanywanyi burwo runani muri bino bihe vyokwitegurira ihinyanyurwa ry’ibwirizwanshingiro. Urwo runani rufatirako hari abanywanyi barwo baguma bahagrikwa bagirizwako bariko barigisha banyagihugu kuzotora Oya mu matora yokwemeza canke guhakana iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Pierre Celestin Ndikumana arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mururwo runani abonako abanyapolitique bose bofatwa kumwe mubijanye nokwitegurira ayo matora.

• Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB wasohoye kuruyu wa 2 mu matongo imiryango 3 y’abasangwa bo muri zone Buruhukiro. Ni muri komine Rumonge, mu ntara ya Rumonge. Ayo matongo akaba yashikirijwe abahungutse. Iyo miryango yasohowe ikavuga ko itabona iyo igiye kuja ngo kuko kubakura murayo mazu babamwo bisa nko kubangaza.Iyo miryango kugirango ishobore kuva urayo mazu uwo murwi ukaba wabanje kujana aba polisi bawufasha.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.