Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 13 NTWARANTE 2018

13/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 13 NTWARANTE 2018

• Umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD wemezako umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza afise ivyiyumviro uwo mugambwe uzogenderako imyaka yose. Evariste Ndayishimiye umunyamabanga mukuru wuyo mugambwe agasigurako arico gituma umugambwe CNDD-FDD wafashe ingingo yo kumuduza ku rwego rw’imboneza muruyo mugambwe. Evariste Ndayishimiye avuga ariko ko kuba yarashizwe kururwo rwego bidasigurako ariwe ategerezwa kuzoca atorwa nk’umu candidat wuyo mugambwe mu matora yimirije kuko igihe cogutora umu candidat kitaragera.

Evariste Ndayishimiye abishikirije inyuma y’inama yahuje abagize comité nkuru y’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDFDD yabaye kumagenekerezo ya 9 na 10 kuno kwezi mu ntara ya Ngozi.

• Icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Léonce Ngendakumana ariyamiriza isakwa ry’ibirwanisho ryazindutse rikorwa kurugo iwe mugatondo ko kuruyu wa 2. Léonce Ngendakumana akemezako uyumusi bwabaye ubugira 4 aba polisi baja gusaka urugo rwiwe ariko ntihagire ico bahatora. Kubwa Léonce Ngendakumana ngo Leta yari ikwiye gutahurako adashira imbere gutunga ibirwanisho bicira umuriro ahubwo ko ashira imbere kurwanisha ivyiyumviro vya politique hamwe n’inzira yokuganira. Léonce Ngendakumana nicegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu.

• Mu biro vy’umukuru w’igihugu baranegura ivyashikirijwe n’urunani Forum citoyen ruhurikiyemwo abanya politique bari hanze y’igihugu, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique bari hanze barikumwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru. Jean Claude Karerwa Ndenzako avugira umukuru w’igihugu akabonako ngo bibabaje kubona hari abarundi bakija hamwe bafise umgambi wogusambura.

Kubwiwe ngo ubu abarundi bakwiye kuja hamwe kugirango bakore ibikorwa vy’iterambere. Ivyo abivuze inyuma yaho abo banya politique cokimwe nabari mu mashirahamwe yigenga nayabamenyeshamakuru bagize urunani bise Forum citoyen, aho bemezako bagiye gukorera hamwe kugirango biyamirize ubutegetsi bwa hano i bujumbura. Kubwa Jean Claude Karerwa Ndenzako ngo ivyo bashikiriza ntafatiro bifise.

• Sentare nkuru ya Kayanza yaraye iciriye igihano c’ugupfungwa imyaka 5 n’ukuriha indishi y’akababaro y’ 2.5000.000 abigisha 13 bo kw’ishure shingiro rya Murambi muri komine Matongo. Abo bigisha bakaba bagirizwa kuba barenze kw’itegeko ry’umushikiranganji w’indero ribuza uwari we wese kurima amatongo y’ishure ku nyungu ziwe. Ikind i abo bigisha bagirizwa nukuba ngo ataco bakoze ngo batabarize umuyobozi wabo mu gihe yariko arakubitwa na bamwe mu bo arongoye. Uwo muyobozi akaba yakubiswe kw’igenekerezo rya 1/3/2018mu gihe yariko arabuza abo bigisha kurima imirima y’ishure.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.