Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 10 NDAMUKIZA 2018

10/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 10 NDAMUKIZA 2018

• Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryemezako rigiye gukora ibishoboka kugirango rifashe ko hobaho inama ihuza Leta y’uburundi, iy’urwanda hamwe niryo shirahamwe kubijanye n’ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda. Filippo Grandi ajejwe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR yabishikirije mu mubonano yagiranye kuruyu wa 2 n’umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza mu rugendo arimwo hano mu Burundi. Uyo ajejwe HCR yanamenyeshejeko kubijanye n’amakenga Leta y’uburundi ifise kubiharuro vy’impunzi z’abarundi ziri hanze y’igihugu HCR ritanga, ngo iryo shirahamwe rigiye gusubira gukora urutonde rushasha rukozwe kubuhinga bwa none Biométrie. Mu biro vy’umukuru w’igihugu baremezako Leta y’uburundi yiteguriye kuzoja muriyo nama yohuza Leta y’uburundi Urwanda hamwe na Hcr kubijanye n’impunzi z’abarundi ziri mugihugu c’Urwanda. Nkuko vyashikirijwe na Alain Diomède Nzeyimana icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, ngo umukuru w’igihugu yavuganye n’uwo atwara HCR ko borondera ikindi kibanza coberamwo iyo nama.

• Abantu 21 harimwo intwanzangabo imwe yo mu gisirike c’Uburundi n’izindi zibiri zo mu giporisi baraye bahagaritswe n’igiporisi. Murabo bahagaritswe hakaba harimwo kandi uwutwara urunani mpuzamasyndicat CSB Gilbert Nyawakira. Bakaba bahagaritswe mu masaha yokumugoroba.Nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano Pierre Nkurikiye bahagarikiwe mu muhana uri muri quartier Carama mu gisagara ca Bujumbura. Bakaba ngo bariko bakwirikiranwa bagirizwa kugira amanama afise intumbero yo guhungabanya umutekano.Kurivyo abegereye bamwe murabo bahagaritswe twavuganye bemezako bahagaritswe bari aho bari basanzwe bahurira mugukina urukino rw’amaboko rwa ping pong kuko ngo basanzwe bari mw’ishirahamwe rimwe rikina urwo rukino. Bakaba rero ngo bari bahuye kuruyu wa 1 ari benshi kuko ngo murikino gihe bariko baritegurira ihiganwa ry’urwo rukino rwa ping pong ririko riraba muri kino gihe.

• Ubushikiranganji bujejwe ivy’iyinjira ry’uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko buvugako abashingamateka b’abarundi bazobandanya bitaba amanama y’ inama nshingamateka y’ibihugu bigize uyo muryango EALA mukurindirako sentare ya EAC ica urubanza kubirego vya Leta y’uburundi aho yayituye ivuga ko itemeye amatora yashizeho uwutwara iyo nama nshingamateka ya EAC. Isabelle Ndahayo ajejw ubwo bushikiranganji yemezako ngo kuba abo bashingamateka babandanya bitaba amanama bidasigurako leta yemeye ivyavuye murayo matora.. Nimugihe Leta y’uburundi itemeye amatora yashizeho umushingamateka wo mugihugu c’urwanda ngo arongore EALA. Leta y’uburundi ikaba yasiguyeko ayo matora atakwirikije amategeko agenga uyo muryango.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.