Notre journaliste Jean Bigirimana porté disparu depuis 3572 jours. Nous ne l'oublions pas.

Web Radio

29/12/2017

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 29 kigarama 2017

• Abanywanyi batanu b’icegera cambere c’umukuru w inama nshingamateka Agathon RWasa barahagaritswe kur’uyu wa kane muri komine Gihanga intara ya Bubanza . mUrabo bahagaritswe harimwo babairi bari mu nama mpanuzwajambo ya Komine Gihanga . Naho bafashwe bagirizwa kudatora ego mu matora yimirije yukwemeza canke guhakana ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro icaha bagirizwa cahavuye gihinduka . • Umukuru […]

27/12/2017

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 27 kigarama 2017

• Ubushikiranganji bujejwe umutekano bwemezako ubwicanyi bwagabanutse cane muruyu mwaka wa 2017 ugereranije no mu mwaka uheze wa 2016. Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni ajejwe umutekano agasigurako ubwicanyi bwavuye kurugero rwa 400 mu mwaka uheze buja kurugero rwa 277. Ivyo yabishikirije kuruyu wa 3 igihe ubushikiranganji arongoye bwariko burashikiriza ivyo bwaranguye muruyu mwaka turiko turasozera wa […]

26/12/2017

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 26 KIGARAMA 2017

• Urwego CNC rujejwe gucunga ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC rwafashe ingingo yoguhagarika mumwuga wokumenyesha amakuru mukiringo c’amezi 3 Egide Nduwimana umuyobozi w’ikinyamakuru igihe candika kumuhora w’ubuhinga bwa none . uyo mumenyeshamakuru akaba yagirijweko yanditse inkuru isubiza inyuma incungu za démocratie n’ukwikukira kw’uburundi. Ikindi naco ngo munkuru yiwe ntiyahaye ijambo impande zose zivugwa munkuru yiwe. Urwego […]

26/12/2017

Incamake y’amakuru yo ku wa 25 kigarama 2017

• kur’uyu wa 25 kigarama ,hahimbazwa Umusi mukuru wa Noel ngo n’umusi uhimbazwa n’abemera co kimwe n’abatemera. Kubwa bamwe mu bakristu bayaze n’amakuru y’iwacu ngo uwo musi nuwo guhimbaza ivuka rya Yezu Kristu. Bamenyesha ariko ko umusi mukuru wa Noel utagihimbazwa neza nkuko vyahora kera kubera ubukene burangwa mu gihugu.no mu ntara ya Gitega uyo […]

22/12/2017

Au sommaire de l’édition de ce vendredi 22 décembre 2017 du journal ’’Amakuru y’Iwacu’’

• Peur panique des pêcheurs qui exercent sur le lac Rweru, de la commune Giteranyi en province de Muyinga. Ils se disent victimes d’arrestations opérées ces derniers jours par les militaires Rwandais. Ils demandent d’être protégés. Ces pêcheurs sollicitent aux autorités de ces deux pays de s’asseoir ensemble pour statuer sur cette situation d’insécurité. L’administration […]

22/12/2017

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 KIGARAMA 2017

• Amezi 17 araringiye atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana akaba yabonywe irya nyuma kuwa 22/7/2016 muri zone Bugarama mu ntara ya Muramvya. Amakuru ava muri bamwe mubanyagihugu bemezako bamubonye yemezako yatwawe n’umuduga woba ari uw’urwego rw’iperereza. Ayo makuru akaba yarabeshujwe n’igipolisi. Ikinyamakuru Iwacu Jean Bigirimana yakorera kikaba caritwariye umuntu atazwi(porter […]

21/12/2017

Au sommaire de l’édition de ce jeudi 21 décembre 2017 du journal ’’Amakuru y’Iwacu’’

• Le gouvernement burundais a pris la décision de fermer son ambassade en Norvège. Une décision qui va être mise en exécution l’année prochaine. L’assistant du ministre des Relations Extérieures, l’ambassadeur Bernard Ntahiraja explique que c’est dans le cadre de la restructuration de sa couverture diplomatique. Il tranquillise en assurant que la décision n’aura aucun […]

MENU