Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 KIGARAMA 2017

22/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 KIGARAMA 2017

• Amezi 17 araringiye atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana akaba yabonywe irya nyuma kuwa 22/7/2016 muri zone Bugarama mu ntara ya Muramvya. Amakuru ava muri bamwe mubanyagihugu bemezako bamubonye yemezako yatwawe n’umuduga woba ari uw’urwego rw’iperereza. Ayo makuru akaba yarabeshujwe n’igipolisi. Ikinyamakuru Iwacu Jean Bigirimana yakorera kikaba caritwariye umuntu atazwi(porter plainte contre x) nayo mu bushikiranganji bw’ubutungane bavugako batanguje amatohoza.
Umuryango wa Jean Bigirimana ubu uri mubuhungira aho wemezako wagumye uterwa ubwoba.
• Abarovyi bo ku kiyaga Rweru muri komine Giteranyi intara ya Muyinga bavuga ko bakora akazi kabo ubwoba ngo kuko abasirikare bo mu gihugu c’Urwanda bakunda kubatwara mbere bakabasinzikariza ubuzima .Abo barovyi basaba reta kubvugana nigihugu c’urwanda kugira bakore ajkazi kabo mu mahoro . Nayo uwurongoye zone Masaka asaba abarovyi bo ku rweru kutarenga umupaka nayo abasirikare b’urwanda ngo bafashe abanrundu bo kubahiriza agateka kakiremwa muntu ntibasambure nutwabo.
• Hari ikiziga c’umukobwa catowe mu ruzi ruzibazi ku munsi wa kabiri ni kurubibe rwa komine bugarama na rumonge . Umukuru w’umutumba yemeza ko uyo mukobwa yoba yariyahuye ariko abandi bo basba ko oba amatohoza ngo kuko hari umukenyezi akekwa kugira uruhara murupfu guyo mukobwa yachungiye muri komine Bugarama . Abanyagihugu baho basaba abarongoye komine Rumonge kugarukana uyo mukenyezi ku mutumba abako kugira ukuri kumenyekane kuvyashikiye uyo mwigeme .

• Ubushikiranganji bujejwe ubudandaji n’ingenzi bwaratunganije ihayanishwa gurishwa ryitwa isoko ya noel rigira kane muntumbero yoguhimbaza umusi mukuru wa Noel uzoba kumusi wambere w’indwi iza. Abanyamyuga bamwe bamwe bitavye iryohayanishwa baridoga ko batariko bararonka abagura ivyabo bagereranije n’izindi zo mu myaka iheze.Ikindi nuko n’abitavye iryo hayanishwa bagabanutse. Bamwe mubo twavuganye aho bari bari mur iryo hayanishwa mu kigo kijejwe ingenzi, ONT, bakavuga ko ivyo bahinguye bitariko birasohoka.
Umuyobozi w’ikigo c’ingenzi nawe asigurako abanyamyuga baza muri iyo soko ya noel bagabanutse kubera ko habaye amahayanishwa menshi uyu mwaka wi 2017 ariko akamenyesha ko iryo hayanishwa gurisha ari akaryo keza ku banyamyuga ko kwerekana ivyo bahingura bakanabigurisha

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.