Notre journaliste Jean Bigirimana porté disparu depuis 3572 jours. Nous ne l'oublions pas.

Web Radio

27/11/2017

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 27 Munyonyo 2017

Kuri uyu wa mbere niho hatanguye ibiganiro ku matati y’Aburundi mu gisagara c’i Arusha mu gihe vyaribitegekanijwe ko bitangura icese ,umufasha mu biganiro yatangaje ko ibikorwa bizokugururwa kuri uyu wa kabiri . Reta y’Uburundi ikaba yitavye muri ivyo biganiro iserukiwe n’intumwa zitatu . Abari mu runani rw’imigambwe itavugarumwe n’uwuri kubutegetsi bari mu mahanga basanzwe bahurikiye […]

24/11/2017

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 24 Munyonyo umwaka w’2017

Abana babiri bo muri komine Itaba ni mu ntara ya Gitega baraciwe ibikonjo vy’amaboko. Ababikoze bakavugako babikoze bakeka ko bari bagiye kwiba ibigori . Abanyagihugu bo bagasaba ko bene gukora iryo bara bari bakwiriye guhanwa vy’akarorero kuko batumye abandi bana baba ibimuga . Guhanisha abana ukubaca ibiganza ngo ni ubutumwa budasanzwe. Bivugwa n’uwurongoye ishirahamwe ryitaho […]

23/11/2017

INCAMAKE Y’AMAKURU YO KU WA 23 MUNYONYO 2017

• Hari umunyagihugu yaraye akubiswe mwijoro ryakeye n’imbonerakure muri karatiye ya nyakabiga ya 3 ni muri zone ya nyakabiga bamutegereye atashe mugihe ngo zariko zirakizura.abanyagihugu baje gutabara zose bakaba barazimenye kuko umwe muribo yahavuye afatwa aja gufungigwa mugasho ka zone ya nyakabiga.aho ari kumusego jean berchimas nduwayo asaba ko yovuzwa kuko amagara yiwe atameze neza […]

22/11/2017

INCAMAKE Y’AMAKURU YI’WACU YO KU WA 22 MUNYONYO 2017

1.Amezi 16 ararumanye neza atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru yohani Bigirimana yakorera ikinyamakuru iwacu.yohani Bigirimana yanyurujwe ku wa 22 mukakaro umwaka wa 2016 anyururizwa muri zone ya bugarama komine n’intara ya muramvya.amakuru twakuye aho i bugarama yavugako uwo m’umenyeshamakuru y’urijwe imodokari ifise ibiyo bitabona bivugwako yoba ar’iyo mw’iperereza ry’uburundi.igipolisi ariko kikaba carahakanye ko atarico camufashe.n’ayo ubushikiranganji bw’ubutungane […]

21/11/2017

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 MUNYONYO 2017

• Intumwa idasanzwe yumunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi yemeza ko azokwama ashigikira akarere mu kurondera umuti ku matati ari mu burundi naho ngo hoba hari ibikigoranye mu gihugu . Michel Kafando ariko ashikiriza icegeranyo ku burundi c’amezi atatu mu nama y’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano kw’isi yemeje ko hakenewe inama y’akarere yokuraba aho […]

20/11/2017

Au sommaire de l’édition de ce lundi 20 novembre 2017 du journal ’’Amakuru y’Iwacu’’

• L’envoyé spécial du secrétaire général des Nations unies présente ce lundi son rapport sur la situation qui prévaut sur le Burundi. C’est après son séjour d’une semaine au Burundi. Michel Kafando avait rencontré entre autre le ministre des affaires étrangères ainsi que l’ombudsman burundais, avant de rencontrer en Tanzanie le facilitateur Mkapa. Le dialogue […]

20/11/2017

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 20 MUNYONYO 2017

• Intumwa y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Michel Kafando bitegekanijwe ko ashikiriza icegeranyo k’uburundi imbere y’inama ya ONU ijejwe umutekano. Ni inyuma y’urugendo rw’indwi yaheruka kugira hano mu Burundi kw’igenekerezo rya 29 gitugutu uno mwaka. Michel Kafando mubo babonanye haka harimwo umuhuza w’abarundi hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu imbere yuko abonana n’umuhuza mu biganiro […]

17/11/2017

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 17 MUNYONYO 2017

• Hari ibiziga 3 vyatowe mu ruzi Rusizi muri commune Rugombo. Amakuru ava aho yemezako ivyo biziga vyatanguye kubonwa haraheze imisi 3 ariko ngo ntibirakurwa mururwo ruzi. Umwe mubatowe kurwego rwo hasi muriyo commune ngo yarateye akamo abajejwe intwaro kurwego rwohejuru kugira bafashe kuroba ivyo biziga ariko ngo ntaco vyafashije. Abakoresha amazi ya Rusizi bafise […]

MENU