Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 20 MUNYONYO 2017

20/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 20 MUNYONYO 2017

• Intumwa y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Michel Kafando bitegekanijwe ko ashikiriza icegeranyo k’uburundi imbere y’inama ya ONU ijejwe umutekano.

Ni inyuma y’urugendo rw’indwi yaheruka kugira hano mu Burundi kw’igenekerezo rya 29 gitugutu uno mwaka. Michel Kafando mubo babonanye haka harimwo umuhuza w’abarundi hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu imbere yuko abonana n’umuhuza mu biganiro hagati y’abarundi Benjamin Mkapa. Ikibazo kijanye nibiganiro hagati y’abarundi uko vyobandanya akaba ari co baganiriyeko

• Umugambwe Sahwanya Frodebu wemeza ko wamaze kuronka ubutumire bwo kuja mu mubonano utegekanijwe hagati y’umuhuza mu biganiro hagati y’Abarundi n’aberwa n’ivyo biganiro. Léonce Ngendakumana icegera c’umukuru w’uyo mugambwe avuga ko biteguriye kwitaba uwo mubonano. Agasigurako aringombwa ko umugambwe Sahwanya Frodebu useruka aho hose haba hariko havugirwa ibibazo biraba uburundi kugira ngo haboneke inyishu.

Uwo mubonano hagati y’umuhuza mu biganiro hagati y’Abarundi n’aberwa n’ivyo biganiro utegekanijwe kuva kuwa 26 kw’uno kwezi kugera kw’igenekerezo rya 8 kigarama. Urunani rw’abanyapolitique batavuga rumwe na Leta Cnared uwo mugambwe usanzwe urimwo rukaba rwaratangajeko rutazokwitaba uyo mubonano
Umunyamabanga mukuru w’umukuru w’umugambwe Msd we yemeza ko naho nawe nyene yari yatumiwe atazokwitaba umubonano kubera urunani Cnared uwo mugambwe uhurikiyemwo rwafashe ingingo yuko ata mugambwe uri muri urwo runani uwitaba. Mw’itangazo uwo mugambwe washize ahabona wemeza ko wamenyesheje iyo ngingo umufasha w’umuhuza.

• Igenekerezo rya 20 ukwezi k’w’icumi na rimwe harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umwana. Bamwe mu bana bo mw’ibarabara bayaze n’uruganda rw’amakuru y’iwacu bavugako uwo musi ushitse baguma bafatwa n‘igipolisi bagafungwa. Ivyo bikaza vyiyongera ku buzima bubi bemeza ko bari basanzwe babayemwo. Bagasaba gusubizwa mu mihana yabo.

Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana FENADEB ruratewe umutima uhagaze n’abana baheba amashure eka n’abakobwa batwara inda zishushu bari ku ntebe y’ishure . Mu mwaka w’ishure w’2016 ushira uw’2017 urwo runani rwemeza ko abana barenga 21 800 bahevye ishure mu gihe abarenga 1000 nabo batwaye inda z’ishushu . Jacques Nshimirimana arongoye urwo runani asaba aberwa n’ivyagateka k’abana gukora ibishoboka vyose kugira ivyo bitigiri bigabanuke mbere bishobotse ntihasubire kugira umwana w’umurundi asubira guheba ishure .

• Umushikiranganji w’ubutare n’agataka amenyesha ko ibikorwa vyo gucura ubutare bwa nickel y’imusongati ko vyari vyahagaze kubera ingorane z’umuyagankuba hamwe n’igiciro ca nickel cari cakorotse kw’isoko mpuzamakungu. Côme MANIRAKIZA akavuga ko ibibazo biriko biratoregwa umuti ko ubwo butare bwa nickel bugiye gucukugwa.

Ivyo, umushikiranganji Côme Manirakiza akaba yabishikirije mu gihe kuri uyu wa mbere yateye umukono ku masezerano yo kubandanya ivyigwa kw’icukugwa ry’ubutare nickel i waga mu ntara ya Gitega ni Nyabikere mu ntara ya Karuzi hamwe n’ubutare bwa Vanadium buri i Mukanda i Gitega, amasezerano bagiriraniye n’ishirahamwe ryo mu gihugu ca Canada CVMR. Ivyo vyigwa bikazomara umwaka.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.