Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’Iwacu yo ku wa 8 Kigarama umwaka w’2017

08/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’Iwacu yo ku wa 8 Kigarama umwaka w’2017

• Ibiganiro hagati y’Abarundi vyari bimaze indwi 2 biriko birabera i Arusha vyarangiye kuri uyu wa 5. Reta y’Uburundi ikaba yemeza ko ishima uko ivyo biganiro vyagenze. Thérence Ntahiraja avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihu yaserukiye Reta murivyo biganiro,avugako yamenyesheje umufasha w’umuhuza muri ivyo biganiro ko ibitari bike vyashitsweko kuko ngo mu ngingo 11 umufasha muri ivyo biganiro yashikirije ko bitumvikanyweko,Reta y’Uburundi ngo ibona ko ibibazo 2 gusa arivyo bitaratorerwa inyishu. Ivyo navyo akaba ari ibijanye no gukurako imitahe abakurikiranwa n’ubutungane hamwe nokurekura abapfunzwe bazira ivya politique.

• Ku kibazo kijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingira, Therence Ntahiraja avugako gusaba umukuru w’igihugu ngo ntahinyanyure ibwirizwa nshingiro bisa nokumusaba ko ahemukira abanyagihugu.

• Umugambwe Ranac umwe mu migambwe itavuga rumwe na Reta wo uvugako bibabaje kubona ivyo biganiro biheze abavyitavye baticaranye ngo batore inyishu irama. Aloys Baricako arongoye uwo mugambwe akabona ko ibikorwa vyakozwe bidashimishije. Aloys Baricako akiyamiriza umugambi uhari wogushaka guhinyanyura ibwirizwanshingiro.

• Birategekanijwe ko ku musi iwa 2 w’indwi iza hazotanguzwa mu ntara ya Gitega uruganda rwo kwigisha abanyagihugu ibijanye n’ukwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.Urwo ruganda rukaba ruzotanguzwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

• Mu runani rw’abanyapolitique batavuga rumwe na Reta bari hanze y ‘igihugu Cnared biyamiriza itunganywa ry’urwo ruganda. Pancrace Cimpaye avugira Cnared amenyeshako guhinyanyura ibwira shingiro ari inzira y’ ukuzimanganya amasezerano y’i Arusha. Cnared ngo isaba nyabuna ko hoba ibiganiro bidakumira kugira ayo masezerano y’i Arusha asubire kwubahirizwa.

• Hari umukenyezi yishwe acumitswe n’umugabo wiwe muri karatiye Kinyinya muri komine Mutimbuzi . Mu giporisi bemeza ko uyo mugabo yacumise umukenyzi babana ngo kuko yamureze imbere y’ubutungane ko yamwivye amafaranga arenga ibihumbi amajana ane . Pierre Nkurikiye avugira igipolisi c’Uburundi avuga ko uyo yakoze ubwo bwicanyi azwi kwizina rya elvis Nduwimana alias Makenzi aza ari mu minwe y’igiporisi

• Amazu 43 hamwe n’amasengero 3 niyo yaraye abomowe n’imvura yaguye kuri uyu wa 4 muri komine Buyengero intara ya Rumonge. N’ama hectari ataramenyekana y’imirima yarononekaye. Musitanteri w’iyo komine asaba abagiraneza kugarukira ku banyagihugu ivyabo vyasambutse.

• Ishirahamwe Olucome ryinshinze kugwanya igiturire rimenyesha ko Uburundi budashobora gushikira ihangiro ry’imigambi y’iterambere rirama mu gihe igiturire ciraye mu nzego zo hejuru. Ishirahamwe Olucome rigahamagarira abanyagihugu gusaba Reta ngo yerekane ingene iriko iratunganganya imigambi y’iterambere rirama. Olucome ikaba ibishikirije mu gihe amakungu buca ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya igiturire kw’igenekerezo ry’icenda kigarama

• Mu bushikiranganji bw’intwaro ibereye baremeza ko igiturire kihari mu gihugu.Ivyo navyo ngo ni intambamyi kw’ iterambere ry’igihugu. Ubwo bushikiranganjinji bumenyesha ko kugira igiturire gituzwe hakenewe inguvu z’inzego za Reta hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike. Reta nayo ngo izobandanya gushira mu ngiro politike yayo yo kutihanganira abarya igiturire

• Kuri uyu wa 5 n’umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. Amashirahamwe y’abagendana ubumuga hano mu Burundi anegurako uyu musi ugeze itegeko ribagenga ritaremezwa n’inama nshingamateka. Cassier Bizabigomba arongoye urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi asaba ko ivyiyumviro ayo mashirahamwe yashikirije vyoshirwamwo mu nteguro y’itegeko ribagenga. Cassier Bizabigomba ivyo akaba yabishikirije mu birori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga vyabereye mu kigo citiriwe umweranda Kizito.

• Mu bushikiranganji bujejwe gufatana mu nda bavugako Reta imaze gukora utwigoro twishi mu gufasha abagendana ubumuga. Elisa Nkerabirori umwunganizi w’umushikiranganji ajejwe ivyo gufatana munda n’agateka ka zina muntu avugako amafaranga yegenewe abagendana ubumuga yongerejwe ikindi naco ngo abagendana ubumuga batari bake barigishwa ibijanye n’imyuga.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.