Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 6 Ndamukiza umwaka w’2018

06/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 6 Ndamukiza umwaka w’2018

• Kuri uyu wa 5 Abarundi bariko baribuka imyaka 24 iheze uwahoze atwara Uburundi Cypriano Ntaryamira yitavye Imana. Hari ku wa 6 ndamukiza umwaka w’1994. Yahitanywe n’isanganya ry’indege ryabereye mu gihugu c’urwanda. Yitavye Imana arikumwe n’abashikiranganji 2 ba Leta y’uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi. Cypriano Ntaryamamira akaba yari yashizwe mu mabanga yokurongora uburundi kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma muri uyo mwaka w’1994 inyuma y’urupfu rwa président Mélchior Ndadaye incungu y’Uburundi na démocratie.

• Uruganda rw’amakuru y’Iwacu rwashimye kugaruka kuri bimwe mu biri mw’ijambo président Cyprien Ntaryamaira yashikirije Abarundi. Cyprien Ntaryamira akaba yashira imbere kugarukana « discipline » mubisata bitandukanye vy’igihugu.

• Mumuryango wa Cypriano Ntaryamira bavugako bakirindiriye inyishu ya Leta y’Uburundi kw’ikete uyo muryango wayirungikiye ku bijanye n’urupfu rw’uwabo. Mw’ikete yanditse umutambukanyi wa Nyakwigendera Cypriano Ntaryamira avugako yasavye Leta ko yokorana n’ubumwe bwa afrika kugira ngo dossier y’urupfu rw’umushingantahe wiwe ishirwe mu butungane mpuzamakungu. Sylvane Ntaryamira abona ko iyo dossier yoshirwa mu butungane Mpuzamakungu kuko urwo rupfu rutabereye k’ubutaka bw’uburundi. Sylvane Ntaryamira yemezako kandi ko Leta y’Uburundi yemeyeko igiye gukorera kuri ivyo asaba.

• Mu mugambwe Sahwanya Frodebu président Cypriano Ntaryamira yarasanzwe aturukamwo baranegurako imyaka 24 iheze atakuri kuramenyekana k’urupfu rw’uyo yahoze atwara uburundi. Léonce Ngendakumana icegera c’uwurongoye Sahwanya Frodebu akabonako bitari bikwiye ko dossier y’urwo rupfu ishirwa mu murwi CVR ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi.

• Uwahoze atwara uburuni Sylvestre Ntibantunya yagendanye cane na Cypriano Ntaryamira avuga ko président Ntaryamira yiyegereza cane abanyagihugu mukubafasha gukora imigambi y’iterambere. Ikindi naco ngo amwibukirako ngo nuko yitanga cane. Agafatira ku kugene yemeye gutwara igihugu mu bihe bitari vyoroshe.

• Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Gitega babona ko kuri uyu munsi hibukwa urupfu rw’uwahoze atwara Uburundi Cypriano Ntaryamira ufatwa nk’iyindi minsi isanzwe muriyo ntara. Basabako Leta gukora ibishoboka kugira umunsi wo kumwibuka biboneke ko ari umunsi uhambaye mu buzima bw’igihugu kugira Cypriano Ntaryamira ntiyibukwe ci kimwe n’umuntu asanzwe

• Bamwe mubabonye uwahoze atwara Uburundi Cypriano Ntaryamira bakaba bazi n’ivyiyumviro vyiwe bo mu ntara ya Rumonge basabako hokwubakwa ikigo citirirwa uwo yahoze atwara uburundi. Abo banyagihugu bakabonako ico kigo cofasha kugira ngo ivyiyumviro vyiwe ntivyibagirwe. Ngo cofasha nuko urwaruka rwoja rurahigira ibijanye na démocratie. Mu birori vyoguhimbaza imyaka 24 iheze Cypriano Ntaryamira apfuye, Buramatari w’intara ya Rumonge yaboneyeho akaryo ko guhamagarira abanyagihugu arongoye kwima amatwi aboza babatera ubwoba muri bino bihe himirije amatora kugira ngo bate izabo bahunge.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.