Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 13 RUHUHUMA 2018

13/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 13 RUHUHUMA 2018

• Igikorwa co kwandika abazoja mu matora cabandanije kumusi ugira 6. Kubijanye nico gikorwa, Isoko yo murumonge yazindutse yugaye kugera isaha 4 z’agatondo kuruyu wa 2. Abadandaza bakaba bavuze bari bahawe itegeko ryuko atawuja gukorera muriyo soko atabanje kwerekana agapapuro kemezako yiyandikishije kugira zoje mu matora yimirije. Ni mugihe isoko yongaho mu rumonge yahora yugururwa kuva igihe c’isaha 12 z’agatondo. Musitanteri wa commune Rumonge ariko tumubajije yahakanyeko atariwe yari yatanze iryo tegeko. Umugwi ujejwe gutegura amatora, CENI wo wemezako kuja kwiyandikisha atagahato kajamwo ahubwo hagenda uwuvyipfuza. Mu ruwo murwi bakemezako inyuma y’imisi 5 igikorwa cokwandika gitanguye abantu barenga imilioni 2 n’ibihumbi 500 aribo bamaze kwiyandikisha. Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi CENI agahamagarira abajejwe intwaro ko bobandanya guhimiriza abanyagihugu ngo biyandikishe kuko biteze abarenga imilioyoni 4.

• Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon Rwasa barapfungiwe muri commune Nyamurenza muntara ya Ngozi. Abegereye abo bapfunzwe bakabonako ari agatotezo kariko gakorerwa abayoboke ba Agathon Rwasa.
Mugi polisi baremeza ihagarikwa ryabo bantu. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano agasigurako bahagaritswe bagirizwa ko bafashwe bariko bigisha kunzu kunzu abanyagihugu ko botora oya mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu.
Haheze imisi ibiri atakarata karangamuntu ziri muri commune Rumonge bitewe nuko fiche ziyo karata zaheze. Musitanteri wiyo commune avugako yamaze gusaba mubushikiranganji bubijejwe izigera kubihumbi 10 bakaba bazirindiriye. Abanyagihugu baja kurondera karangamuntu kugira bashobore kuja kwiyandikisha kugira bazotore mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwanshingiro no mu matora ya 2020 ubu akaba ari benshi muriyo commune. Mu rumonge, Felixe Nzorubonanya.

• Igi polisi c’uburundi cemeza ko hari abantu bavuga ko ari abarwanyi baba Mai Mai barenga 60 bari bahungiye hano mu Burundi kubera ingwano zariko zirahuza abasirikare ba Congo n’umuhari w’abarwanyi MaiMai murico gihugu kibanyi ca Congo. Pierre Nkurikiye avugira igi polisi c’uburundi avuga ko baciye basubizwa murico gihugu kugirango ubutungane bwaho bubacire urubanza. Pierre Nkurikiye avugira ubushikirangani bw’umutekano c’uburundi ivyo yabivuze kuruyu wa 1 igihe yariko aravuga ingene ibijanye n’umutekano vyagenze muruku kwezi

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.