• Igikorwa co kwandika abazoja mu matora cabandanije kumusi ugira 6. Kubijanye nico gikorwa, Isoko yo murumonge yazindutse yugaye kugera isaha 4 z’agatondo kuruyu wa 2. Abadandaza bakaba bavuze bari bahawe itegeko ryuko atawuja gukorera muriyo soko atabanje kwerekana agapapuro kemezako yiyandikishije kugira zoje mu matora yimirije. Ni mugihe isoko yongaho mu rumonge yahora yugururwa kuva igihe c’isaha 12 z’agatondo. Musitanteri wa commune Rumonge ariko tumubajije yahakanyeko atariwe yari yatanze iryo tegeko. Umugwi ujejwe gutegura amatora, CENI wo wemezako kuja kwiyandikisha atagahato kajamwo ahubwo hagenda uwuvyipfuza. Mu ruwo murwi bakemezako inyuma y’imisi 5 igikorwa cokwandika gitanguye abantu barenga imilioni 2 n’ibihumbi 500 aribo bamaze kwiyandikisha. Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi CENI agahamagarira abajejwe intwaro ko bobandanya guhimiriza abanyagihugu ngo biyandikishe kuko biteze abarenga imilioyoni 4.
• Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon Rwasa barapfungiwe muri commune Nyamurenza muntara ya Ngozi. Abegereye abo bapfunzwe bakabonako ari agatotezo kariko gakorerwa abayoboke ba Agathon Rwasa.
Mugi polisi baremeza ihagarikwa ryabo bantu. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano agasigurako bahagaritswe bagirizwa ko bafashwe bariko bigisha kunzu kunzu abanyagihugu ko botora oya mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu.
Haheze imisi ibiri atakarata karangamuntu ziri muri commune Rumonge bitewe nuko fiche ziyo karata zaheze. Musitanteri wiyo commune avugako yamaze gusaba mubushikiranganji bubijejwe izigera kubihumbi 10 bakaba bazirindiriye. Abanyagihugu baja kurondera karangamuntu kugira bashobore kuja kwiyandikisha kugira bazotore mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwanshingiro no mu matora ya 2020 ubu akaba ari benshi muriyo commune. Mu rumonge, Felixe Nzorubonanya.
• Igi polisi c’uburundi cemeza ko hari abantu bavuga ko ari abarwanyi baba Mai Mai barenga 60 bari bahungiye hano mu Burundi kubera ingwano zariko zirahuza abasirikare ba Congo n’umuhari w’abarwanyi MaiMai murico gihugu kibanyi ca Congo. Pierre Nkurikiye avugira igi polisi c’uburundi avuga ko baciye basubizwa murico gihugu kugirango ubutungane bwaho bubacire urubanza. Pierre Nkurikiye avugira ubushikirangani bw’umutekano c’uburundi ivyo yabivuze kuruyu wa 1 igihe yariko aravuga ingene ibijanye n’umutekano vyagenze muruku kwezi