Iwacu Web Radio RNW Media

Amakuru y’Iwacu yo ku wa 12 Ntwarante umwaka w’ 2018

12/03/2018 Edition : Emery Kwizera Commentaires fermés sur Amakuru y’Iwacu yo ku wa 12 Ntwarante umwaka w’ 2018

• Urunani rugizwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta bari hanze y’igihugu, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, abamenyeshamakuru hamwe n’amashirahamwe y’abakenyezi barakoranye kuruyu w’Imana mu gihugu c’ububiligi. Pierre Claver Mbonimpa avugira urwo runani bise « Forum citoyen » amenyeshako bari bakoranye muntumbero yokurabira hamwe ingene bokorera hamwe mukwiyamiriza ubutegetsi bw’i bujumbura. Pierre Claver Mbonimpa akemezako bumvikanye ko batazobicisha mu ntambara ahubwo ngo bazoshira imbere inzira y’ibiganiro

• Umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB wasikirije itongo umuryango wuwitwa Issa Gahinga kuruyu wa 1. Iryo tongo riri mu Kajaga muri commune mutimbuzi intara ya Bujumbura ryari mu matati hagati y’umuryango wuwitwa Evariste Ndizeye hamwe nuwo Issa Gahinga.

• Uwo yatswe itongo avugako adatahura ingene umurwi CNTB waje gufata iyo ngingo mugihe urwo rubanza rwari rwarashizwe mu butungane akaba ariwe atsinda.

• Mu murwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB ho bemezako mu matohoza bakoze basanze koko urwo rubanza ruhuye nama dossiye araba uyo murwi. Dieudonné Mbonimpa avugira CNTB agahamagarira uwo yatswe itongo ko nimba atashimye ingingo yafashwe ko yokwitura sentare idasanzwe ijejwe ivy’amatati y’amatongo nayandi

• Ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo, Parcem rivuga ko ritangazwa n’urubanza rwaciriwe abakozi batatu biryo shirahamwe. Ikabivuga inyuma yaho sentare y’intara ya Muramvya yaciriye gupfungwa imyaka 10 hamwe no gutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 200 abobakozi ba Parcem bakorera muriyo ntara. Iyo ngingo ikaba yasohotse kuwa 4 w’indwi iheze. Uwurongoye ishirahamwe Parcem, Faustin Ndikumana agatangazwa n’uko abo bakozi biryo shirahamwe bagirizwa ko bashatse guhungabanya umutekano w’igihugu kandi bafashwe bariko bategura inama izwi n’inzego zibijejwe. akemeza kandi ko bagiye kwunguruza urubanza.

• Abo bakozi 3 b’ishirahamwe Parcem bapfungiwe mw’ibohero rya Muramvya kuva mu kwezi kwa gatandatu k’umwaka uheze. bagirizwako bashatse guhungabanya umutekano w’igihugu.

• Mu gikorwa co kwandika imikangara n’inkumi bashaka kwinjira mu gisirikare ku basirikare batobato n’ibisongerezi, Colonel Floribery Biyereke amenyesha yuko ku bisongerezi abiyandikisha ari bake ku bari bitezwe kuko hamaze kwiyandikisha abatarenga 248 mu gihugu cose. Ku basirikare bato hamaze kw’iyandikisha abarenga 8000. ku bisongerezi umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha yuko biva kuru papuro rwemeza ko badakurikiranwa n’ubutangane basabwa. Akavuga ko Igisirakare cabaye kirarwihoza, kikazobafasha kururonderahanyuma. Abandanya avuga yuko ikosorwa ry’ibitigiri vy’ubwoko bw’abagize igisirikare rizokorwa nk’uko vyagenze mu mwaka uheze

• Hari zimwe mu mpunzi z’aba Kongomani zatanguye guhunga ama kambi y’impunzi zari zatwawemwo ubu zimaze kugera mu gisagara ca Rumonge. Aba Kongomani bashika ku 50 baribamaze gushika mu Rumonge. Bakavuga ko bahunze imibereho mibi na cane cane infugurwa bagaburirwa mwi kambi. Uwuserukira impunzi z’aba kongomani nu ntara za Makamba na Rumonge akavuga ko impuzi zishaka gutaha mugihugu cabo kuko amahoro yaboneste.

• Ishirahamwe AFEPV ryiyemeje kwigisha abana no gukingira abatishoboye ribona ko Leta yarikwiye kwigisha gushika no mu mitumba itegeko rihana amabi afatiye ku gitsina. Jean Claude Nsabumuremyi arongoye iryo shirahamwe asaba abayobozi b’amashule gushiraho ku mashule uburyo bwotuma abanyeshule bashobora kurega abigisha baba bafise intumbero mbi ku banyeshule babo.

Uwo arongoye iryo shirahamwe akaba abivuze inyuma yaho hari umwigisha wo kw’ishule ryisumbuye ry’i Mweya mu ntara ya Gitega yashatse kugandagura umunyeshule yigisha inyuma yo kumushurashuza.

• Umuhari wabakiro uhamagarira abakenyezi kuva mugacerere bakarwanya amabi akorerwa abakenyezi. Mu nama yabahuje i Gitega bamwe mubakenyezi babakiro bakavuga ko bategerezwa gufashanya n’abandi barundikazi muguhanurana, no guharanira iyubahirizwa ry’agatekabo

Suite à la décision du CNC, vous ne pouvez ni réagir ni commenter cet article.

Lire le communiqué

Nos émissions sur WhatsApp

1 Ajoutez le numéro suivant à votre liste de contacts de votre GSM : + 257 76 002 004

2 Ouvrez l'application WhatsApp et envoyez un message à ce numéro avec votre nom + la mention "abonnement".

3 Il n'y a rien d'autre à faire : nous nous occupons de l'activation de votre compte. Vous commencerez à recevoir nos émissions quotidiennes en direct sur votre smartphone.

Archives de la web radio

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.