Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 26 KIGARAMA 2017

26/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 26 KIGARAMA 2017

• Urwego CNC rujejwe gucunga ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC rwafashe ingingo yoguhagarika mumwuga wokumenyesha amakuru mukiringo c’amezi 3 Egide Nduwimana umuyobozi w’ikinyamakuru igihe candika kumuhora w’ubuhinga bwa none . uyo mumenyeshamakuru akaba yagirijweko yanditse inkuru isubiza inyuma incungu za démocratie n’ukwikukira kw’uburundi. Ikindi naco ngo munkuru yiwe ntiyahaye ijambo impande zose zivugwa munkuru yiwe. Urwego CNCrwanafashe ingingo yoguhagarika mukiringo c’ukwezi kumwe igisata cogushikiririza ivyiyumviro kumuhora w’ico kinyamakuru.

Egide Nduwimana umuyobozi w’ico kinyamakuru avugako yatangajwe niyo ngingo. Akanegura ko CNC itafatiye kuvyo yisiguye igihe urwo rwego rwamutumako. Ikindi naco ngo kitumvikana ningene ishirahamwe ACCOPA ryari ryamwitwariye ritigeze rija gusaba ico kinyamakuru kugira kirihe ijambo naryo rishikirize iciyumviro caryo

• Ibiro vy’umwungere wa Diocèse Bubanza bifatako urwandiko rutagira umukono rumaze imisi ruca kumbuga ngurukanabumenyi rwiyamiriza musenyeri Jean Ntarwarara arongoye iyo diocèse aba rwanditse ari abafise intumbero yogucanishamwo gusa.

Urwo rwandiko rutagira umukono rukaba rwiyitirira umurwi w’abapatiri bo muriyo diocèse. Bakaba bandikiye musenyeri Jean Ntarwarara bamutegeka gutanga imihoho mu mabanga yiwe yokurongora iyo diocèse kuko ngo atavyo agishoboye kubera imvo z’amagara yiwe. Ariko urwo rwandiko ntiruvuga uwo murwi wabo bapatiri abaribo ntirunerekana imikono yabo.

• Umuryango wa Jean Marie Nininihazwe aba mu kinanira ya 2 zone Musaga komine MUHA wemeza ko ufise ubwoba kumutekano wuwabo . ivyo babishikirije inyuma yaho igipolisi kije kumurondera aho asanzwe aba . uyo muryango usaba ko umutekano wuwabo wocungerwa nayo ico bamwagiriza bakakimenyeshwa .

• Abadandaza bakorera mu masoo amaze igihe ariko arasubirwamwo ya hano mu gisagara ca Bujumbura baridogera kuba batarasubizwa murayo masoko. Bemeza ko muriki gihe c’imvura batoroherwa na gato mu masoko y’infatakibanza barimwo. Ngo ibidandazwa vyabo birahononekarira. N’abaguzi ngo ntibasubira kuboneka. Abo badandaza basaba gusubizwa mu masoko mashasha na kare ngo yarahejeje gusubirwamwo.
Muri Mairie ya Bujumbura bemezako bakiriko barakora igikorwa cokuraba ingene ibibanza bizotangwa.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa akavugako ubu hari ikibazo cuko ibibanza vyagabanutse cane. Atanga akarorero ko mw’isoko ya kinama ngo basanze haigaye ibibanza bigera kuma 900 mugihe batarayihindura yarimwo ibibanza birenga ibihumbi 2 na 245 . Kubwiwe ngo vyoba vyiza babanje kwitondera igikorwa civyo bibanza imbere yuko bihutira kwugurura ayo masoko.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.