Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 14 ntwarante 2018

14/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 14 ntwarante 2018

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe gutohoza ibijanye n’agateka kazina muntu ku burundi wemezako hacibonekeza ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka kazina muntu mu Burundi. Uwo murwi wabishikirije mu nama ya ONU ijejwe agateka kazina muntu imaze imisi iriko irabera i Génève. Doudou Diène aheruka gutorwa ngo arongore uyo murwi yemezako bamaze kubaza abantu barenga 160 kuva atanguye ayo mabanga.

Akavuga ko amakuru baronse ataho atandukaniye nivyo uwo murwi washikirije mu mwaka uheze igihe warurongowe na Fatsah ougergouz. Agafatira ko ubu hari abanyagihugu bariko barakorerwa amabi bazira ko badashigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

kubwa thérence ntahiraja umwunganizi akaba numuvugizi w’ ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu avugako ivyo ataco bitwaye reta y’ibujumbura ngo kuko barazi ko hari n’umugambi mubi wo guta uburundi mu manga.uwo mutware agasaba umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kutazofatira kubiri murico cegeranyo ngo kuko ari ibinyoma, akamenyeshako umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ubandanya
Igi polisi c’uburundi caraye gihagaritse umuntu yitwa Fabrice Ntwari benshi bazi kw’izina rya Mitterand. Yahagaritswe yagirizwa gucafuza imico n’imigenzo y’igihugu. Nkuko vyemzwa na Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bujejwe umutekano, ngo uyo muntu yahagaritswe kuko igi polisi caronse amakuru ko ashurashuza abigeme harimwo n’abana bafise imyaka iri musi ya 18 agaca abafata amasanamu akaja kuyagurisha

Umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD uhamagarira abanywanyi bawo guharira umusi wa 4 buri ndwi nk’umusi wogusenga nokwisonzesha. Evariste Ndayishimiye umunyamabanga mukuru wuyo mugambwe akemezako ivyo biri mungingo inama nuru yuwo mugambwe yashitseko mu nama y’imisi 2 yabaye kuma genekerezo ya 9 na 10 kuno kwezi. Evariste Ndayishimiye avugako banumvikanye ko hagiye kwubakwa ikibanza kizohora kiberamwo amasengesho mu ntara ya Gitega

ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya reta rimenyeshako ritashimye gutora abagize urwego ruzogenzura ibikorwa vyurunani rwamashirahamwe n’imigambwe iri hanze comité de coordination kubera amategeko n’akarangamutima kagenga iryo shirahamwe.gabriel Rufyiri arirongoye akamenyesha ariko ko bashimye ivyavugiwe muriyo nama ngo kuko ari ibibazo bihanze igihugu Gabriel Rufyiri arongonye olucom

Akonga gacamwo akuzi bita Gasenyi gaca muri Karatiye quartier Gatoke yo muri zone Rohero karageramiye imihana ikegereye Abanyagihugu bahegereye baratewe umutima uhagaze n’imanga ako kuzi n’inkukura vyateye. Basaba Reta n’abahinga kubafasha mu kubaronsa ibiti vyo kuhatera n’ibindi bikoresho vyo gukomeza inkengera z’ako konga kugira bagakingire n’abo bongere bikingire.

Igenekerezo rya 14 ukwezi kwa 3 harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe gukora ibikorwa vyo gukingira inzuzi. Uwo musi ukaba ushitse mu gihe inzuzi za hano mu gisagara ca Bujumbura zibangamiwe.

Kubw’umwigisha muri za kaminuza Jean Marie Sabushimike, ngo ikibazo cizo nzuzi zibangamiye igisagara ca Bujumbura cari gikwiye kwitwararikwa kuva aho izo nzuzi zitangurira. Uwo muhinga muvy’ibidukikije amenyesha kandi ko leta yarikwiye gushiraho ishirahamwe rikurikirana ibijanye nizo nzuzi zibangamiye igisagara ca Bujumbura.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.