Samedi 27 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 26 NDAMUKIZA 2018

26/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 26 NDAMUKIZA 2018

• Abantu 5 bitavye Imana abandi 5 barakomereka bahitanywe n’isanganya ry’imodoka ryebereye muri commune Gashikanwa intara ya Ngozi mugatondo ko kuruyu wa 4. Ibutique 11 zari zubatse ahabereye iryo sanganya nazo zasambutse. Iryo sanganya rikaba ryabaye ku mdoka y’i camion yari itwaye ibintu bitandukanye vy’ishirahamwe mpuzamakungu ritanga ibifugurwa Pam. Iyo modoka ikaba yoba yagize ingorane ya file.

• Igiporisi c’Uburundi gihamagarira abarongoye amashirahamwe akora akazi ko kurarira abantu n’ivyabo Sociétés de Gardiennage mu rurimi rw’igifaransa kwaka abakozi bayo mashirahamwe imyamamboro bambara y’abajejwe umutekano. Igi polisi c’uburundi kikabonako ivyo bishobora kubangamira umutekano w’igihugu kuko abaha imyambaro abo bakozi ngo bashobora no kubaha ibirwanisho. Ayo mashirahamwa agasabwa gutngura kuva kuruyu wa 4 kwaka iyo myambaro ababkzi babo bakayishikiriza igi polisi. Ivyo bikaba vyashikirirjwe mu nama ubuyobozi bw’igi polisi c’uburundi bwagiranye nayo amashirahamwe ararira abantu n’ivyabo kuri uyu wa kane.

• Abamenyeshamakuru bahamagariwe gukora mu bwigenge badahengama mubihe v’amatora yokwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwanshingiro.Ivyo bikaba vyavugiwe mu nama yo kur’uyu wa kane mu ntara ya Muramvya yahuje abamenyeshamakuru n’abavugizi b’inzego za Leta.Abavugizi b’inzego za leta nabo bagasabwa gukorana neza n’abamenyeshamakuru kugira hatangwe umuco ukwiye mu nkuru zijanye n’amatora.

• Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko intara zo mu buraruko bw’igihugu arizo zicibonekezamwo ingwara ya malaria ku rugero runini. Muganga Thaddée Ndikumana arongoye ubwo bushikiranganji amenyesha ko ivyo vyaturutse kukutamenya kw’abanyagihugu. Akabahamagarira kwitura amavuriro igihe cose babonye ibimenyetso vy’ingwara ya malaria n’ugufata neza imiti.Umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yabivuze kuruyu wa 4 mu gihe yariko arashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi 3 ya mbere yuwu mwaka.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.