• Abantu 5 bitavye Imana abandi 5 barakomereka bahitanywe n’isanganya ry’imodoka ryebereye muri commune Gashikanwa intara ya Ngozi mugatondo ko kuruyu wa 4. Ibutique 11 zari zubatse ahabereye iryo sanganya nazo zasambutse. Iryo sanganya rikaba ryabaye ku mdoka y’i camion yari itwaye ibintu bitandukanye vy’ishirahamwe mpuzamakungu ritanga ibifugurwa Pam. Iyo modoka ikaba yoba yagize ingorane ya file.
• Igiporisi c’Uburundi gihamagarira abarongoye amashirahamwe akora akazi ko kurarira abantu n’ivyabo Sociétés de Gardiennage mu rurimi rw’igifaransa kwaka abakozi bayo mashirahamwe imyamamboro bambara y’abajejwe umutekano. Igi polisi c’uburundi kikabonako ivyo bishobora kubangamira umutekano w’igihugu kuko abaha imyambaro abo bakozi ngo bashobora no kubaha ibirwanisho. Ayo mashirahamwa agasabwa gutngura kuva kuruyu wa 4 kwaka iyo myambaro ababkzi babo bakayishikiriza igi polisi. Ivyo bikaba vyashikirirjwe mu nama ubuyobozi bw’igi polisi c’uburundi bwagiranye nayo amashirahamwe ararira abantu n’ivyabo kuri uyu wa kane.
• Abamenyeshamakuru bahamagariwe gukora mu bwigenge badahengama mubihe v’amatora yokwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwanshingiro.Ivyo bikaba vyavugiwe mu nama yo kur’uyu wa kane mu ntara ya Muramvya yahuje abamenyeshamakuru n’abavugizi b’inzego za Leta.Abavugizi b’inzego za leta nabo bagasabwa gukorana neza n’abamenyeshamakuru kugira hatangwe umuco ukwiye mu nkuru zijanye n’amatora.
• Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko intara zo mu buraruko bw’igihugu arizo zicibonekezamwo ingwara ya malaria ku rugero runini. Muganga Thaddée Ndikumana arongoye ubwo bushikiranganji amenyesha ko ivyo vyaturutse kukutamenya kw’abanyagihugu. Akabahamagarira kwitura amavuriro igihe cose babonye ibimenyetso vy’ingwara ya malaria n’ugufata neza imiti.Umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yabivuze kuruyu wa 4 mu gihe yariko arashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi 3 ya mbere yuwu mwaka.