Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 25 RUSAMA 2018

25/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 25 RUSAMA 2018

• Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa onu mu burundi amenyeshako ibiganiro bihuza abarundi birongowe nakarere vyari bikwiye gusubira gutangura ngo kuko inyuma y’amatora ya kamarampaka hashobora kwaduka indyane mu burundi.Michel Kafando yabivuze kuruyu wa kane imbere y’akanama ka onu kajejwe umutekano.Icabonetse muriyo nama nuko ibihugu biyigize bidahuriza kucokorwa kugirango indyane za politique ziri muburundi, bamwe bakabonako icuka atari ciza abandi bo bakabonako atabibazo bihari n’inkuru tubaza.

Mumugambwe w’abadasigana Uprona babonako kubona ibihugu bitura bigize inama y’umutekano wa ONU bidahuriza kubijanye n’indyane za politique ziri mu Burundi ari ikimenyetso cuko hari ibihugu bifatira kubihuha mukwemeza ko mu burundi atamutekano uhari. Abel Gashatsi arongoye umugambwe UPRONA akavugako inyishu y’ibibazo biri mu burundi yova mu biganiro kungirango amatora yo mu 2020 ashoboke.

Mumugambwe sahwanya Frodebu naho babonako abarundi bonyene ubwabo bari bakwiye kwicarana kugira bitorere inyishu y’ibibazo biri mu Burundi. Léonce Ngendakumana icegera cuwurongoye uyo mugambwe akavugako ibihugu biri mu nama y’umutekano ya ONU bidashobora gufata ingingo imwe k’uburundi kuko ngo harimwo ibihugu usanga bifitaniye ubucuti na Leta y’uburundi. Léonce Ngendakumana n’icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu.

• Ishirahmwe Olucome ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta ribonako amatora aherutse kuba ajanye noguhinyanyura ibwirizwa nshingiro ashobora kugira ingaruka kubijeanye n’ubutunzi k’uburundi. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe afatira ko ayo matora yabaye hari abatari bake batayashigikiye mu makungu hamwe nuko ivyayavuyemwo abatavuga rumwe na Leta batavyemera. Gabriel Rufyiri akaba yarungikiye ikete umuhuza mu biganiro hagati y’abarundi Benjamin Mkapa ko yofasha kugirango ibiganiro hagati y’abarundi bisubire gutangura.

• Ishirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo Parcem ribona ko hakiri intambamyi mw’itunganywa ry’amatora mu Burundi. Intambamyi ngo zanibonekeje mu matora aherutse kuba y’ihinyanyurwa ry’bwirizwa shingiro. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe avuga ko hari ivyari bikwiye guhinduka nk’ibijanye n’inyungu umunyagihugu aronka mw’itunganywa ry’amatora. Ikindi avuga nuko hoba ugushira hamwe kw’abanyagihugu (cohésion sociale) hishimikijwe ibihe igihugu gisanzwe kirimwo.

• Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko buriko buritegurira gukinga no kugwanya ingwara ya Ebola. Aho ku mbibe z’igihugu no ku kibuga c’indege bamaze gushiraho abaganga bapima uwinjiye ko atoba afise iyo ngwara. Ariko rero ngo haracariho vyinshi vyogutunganywa nkuko bivugwa n’umwunganize w’umushikiranji w’amagara y’abantu nko gukarihirizubwenge abaganga, gutunganya neza ibibanza vyoshobora kwakira abagwayi ba ebola. mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS ryaciye rirungika umugwi w’abahinga aha mu Burundi ngo bafashanye na leta mu gukinga iyo ngwara irangwa n’ubushuhe n’uburuhe burenze, ukudahwa n’ugucibwamwo n’amaraso ava mu myenge yose y’umubiri.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.