Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 19 Kigarama umwaka w’2017

19/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 19 Kigarama umwaka w’2017

• Inama nshingamateka yatoye kuri uno wa kabiri aba komiseri batatu b’umugwi ujweje kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi CVR. Murabo batowe harimwo Révérend Clément Noé Ninziza yaciye atorwa kuba icegera c’uwurongoye uwo mugwi akaba ari umututsi. Abatowe bakaba basubiriye abandi 3 bavuye muri uyo murwi CVR.
• Urunani Mpuzamasendika y’abakozi Cosybu ruragabisha ko abakozi bari mu ma syndicat ahurikiye mururwo runani bazohagarika akazi kuva ku mus iwa 3 w’indwi iza mu gihe ivyo basaba bitotorerwa inyishu. Urwo runani rusaba reta ko yosubiza abakozi uturusho bahora baronka buri mwaka leta yahagaritse kuva mu mwaka wa 2016. Celestin Nsavyimana icegera cuwurongoye Cosybu avugako bandikiye ababijejwe bose babasaba gutora inyishu kuri ico kibazo ariko ngo nta nyishu bigeze baronka arico gituma bahisemwo kuzohagarika akazi.
• Umushingamateka Martin Ngoga wo mu gihugu c’urwanda niwe yatowe ngo arongore Inama nshingamateka y’umuryango wa Afirika y’ubuseruko. Abashingamateka b’Abarundi n’Abatanzaniya bakaba batitavye ayo matora kuko basaba kuva kuri uyu wa mbere ikurakuranywa ku burungozi bwa EALA. Igihugu c’Uburundi cari catanze umushingamateka Léontine Nzeyimana, Tanzaniya nayo ishikiriza Adam Kimbisa ngo bitoze mu kibanza c’umukuru w’iyo nama nshingamateka
• Hari imisore 2 iba ku mutumba Mutobo komine Mukike intara ya Bujumbura yahagaritswe n’abapolisi barikumwe n’abasirikare kuri uyu wa mbere . Abo basore bakaba bakuwe ku mihana babamwo, imiryango yabo ikemeza ko babanjwe gukubitwa imbere yuko bajanwa gufungirwa kukirindiiro c’aba polisi mu Rukina. Ku mugoroba bakaba baciye batwarwa ngo n’uwurongoye ikambi ya gisirikare y’i Mujejuru muri komine Mugongomanga . Imiryango yabo yemeza ko itaramenya aho ababo batwawe igatinya kumutekano wabo. Inkuru ziva aho zivuga ko abo basore boba bagirizwa ko bivye inkoho kukirindiro c’abapolisi naho iyo nkoho itabonetse . Iyo misore ikaba ari uwitwa Dieudonné Nimubona na Gahengeri . Mu giporisi bemeza ko iyo misore ifungiwe mu gasho kigipolisi muri komine Kabezi .
• Umugambwe Cndd-Fdd umenyesha ko igikorwa kiriko kiraba kubijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro arico gusigura ivyahinduwe. Umunyabanga mukuru w’uwo mugambwe avuga ko ivyo biheze hazoca hakurikira ikiringo c’abanyamigambwe coguhimiriza abanywanyi babo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha. EvaristeNdayishimiye yabishikirije mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru
• Kuri uyu wa mbere igipolisi carahagaritse abakobwa 15 ku mupaka w’ikobero ni mu ntara ya Muyinga aho ngo bari bajanywe mu gihugu ca Oman . Mw’ishirahamwe ONRCT où es ton frère ? bishinze kurwanya uradandazwa rw’abantu basaba ko igipolisi kiraba ivyingenzi coza kiraraba neza abo giha impapuro z’ingenzi nayo ngo Reta yoshiraho umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu kugira ukwirikirane ubwo bugizi bwa nabi ku munsi ku munsi . Maitre Prime Mbarubukeye arongoye ONRCT asaba Reta gushigikira abafise ubukene ngo kuko atakindi kijana abo bigeme murivyo bihugu .
• Abana 547 bakwirikiranwa n’ubutungane nibo bamaze gufashwa mu kuronswa abashingwamanza babafasha kuburana ariko intamyi ngo ziracari nyinshi cane cane izo kumenya imyaka y’abana, ahandi naho abana bakanka abababuranira.Bivugwa n’uwuserukira ishirahamwe ry’abakenyezi bize amategeko ari kumwe n’abarongoye amaparake n’amasentare mu bumanuko bw’igihugu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.